Accueil > Imibano > Urukundo > Ivy’abagore bokwirinda bishavuza abagabo
 Ivy’abagore bokwirinda bishavuza abagabo
 Ivy’abagore bokwirinda bishavuza abagabo
				
				mardi 16 Ndamukiza 2013
Ni ubuhe buryo bukenewe kugira muhagarike imigendaranire utipfuza ko ikomera? Ibagire urupfasoni mu gihe c’isango! Heza wiyumvire ko uyo mugabo yicaye iruhande yawe, kenshi ku mugoroba aba ariko yitaba ama telephone y’abandi bagore,igishika umufitiye kirahera, umuje kure.Mu nyuma mubaze ibibazo vyinshi vyerekeranye n’ubuzima bwiwe isango mwahanye azoba uwa mbere mu kuriheba.soma ibintu 5 abagore bakora bica inkokora abagabo.
1. Ntugashimire umugabo mu gihe arishe ivyo mwafunguye
Gushimira umugabo yagutumiye gusangira nawe ivyo vyerekana ko uyo mugabo aba agufise k’umutima .Ariko ngo si kenshi umukobwa ashobora kwiyumvira ngo arihe nawe wamutumiye ngo musangire.Ariko abagabo barashimishwa ko inyuma uwo mwigeme yovuga ati ;”Wakoze kunyiyumvira ukantumira.”Ngo canke bukeye akabona ubutumwa bwo gushima.Ariko ngo ntanyambo ibura agahonzi kuko hari abagore bariha iyo barikumwe n’abagabo mu bunywero.
2. Kudahuza mu biyago.
Hari uwuvuga ati narigeze gusohokana n’umwigisha mu vyo twayaze yaguma yivuga ko ari we yize, ko atawundi mwuga nyawo atari kwigisha. Umunezero waragabanutse.Vyaragaragaye ko atigeze ashimishwa n’ivyo nkora eka n’igisata c’amategeko nize we yanyeretse ko ataco nize.Vy’ukuri sinigeze ngira icizere ko duhava duhuza mu biyago.Mu gihe muriko muragiriranira imimenyano na mugenzi wawe, ba magabo urabe amajambo uriko uramuyagira kugira ntuhave umuca inkokora ngo uhave wonona umubonano wo hanyuma.
3. Kuvuga nabi umugenzi mwahorana
Mu migenzo myiza igenga Ubuntu,’si vyiza kuvuga nabi umugenzi mwahorana mugihe c’umunsi wa mbere musohokanye n,uwundi,uba utaye umwanya wawe iyo umuvuze nabi. Muri ico gihe hari uwuvuga ati;”Narigeze gusohokana n’umukenyezi yari aherutse guhebana n’umugenzi wiwe,muri iryo joro twamaranye ,ntakindi yashoboye kunyagira atari uwo bari bahebanye.Abandanya ati naciye nibaza ko umunsi yicaranye n’uwundi mugabo ntakindi azomuyagira atari jewe.Uribuka ivyo uwakwibarutse ahora akubwira kenshi ati iyo wabuze ikintu c’urupfasoni uvuga ,pfuma wizigamira ururimi..
4. Rekera akaziki ko kwitaba mw’iterefone yawe.
Iyo mudashobora kwitaba aga terefone kanyu uko muvyifuje,gasige muhira.”Uwundi avuga ati;”Narigeze gutemberana n’umugore umunsi umwe,iryo joro ryose ntakindi yakoze atari kuguma ariko yitaba agaterefone,ategura ikindi kirori n’abagenzi biwe.Iyo mugira mwitabe aga terefone kanyu,banza ubwire uwo muri kumwe ko uza kuguma uriko urakoresha agaterefone kawe umwanya muza kuba muri kumwe kandi ntiwibagire gusaba imbabazi umwanya wose uza kumuciramwo mu kiyago.
5. Kurenza urugero mu kwakira umutumire wawe
Iyo isango ryanyu ryagenze neza,amasaha anyaruka nk’iminota,iyo rero ibimenyetso vyo gutaha bishitse,mukiryohewe ,ca uraba wisoze kuko ni uko nyene haba hageze ko utaha.Hari uwundi avuga ati ;”natumiye umwigeme ko yoza muhira iwanje tukumviriza uturirimbo turikumwe.Twarashoboye kuyaga umwanya munini munyuma arambwira ko arushe yipfuza gutaha iwe,ariko we yipfuza kurara iwanje.Abigeme benshi barakunda gushaka guca babandaniriza mu bindi,ariko uwo musore yaravyifashemwo neza ,kuko naho uwo mwigeme yaraye iwanje ntitwararanye,isango ryabo ntiryabaye rikibandanya neza bukeye kuko baramutse akajisho barabana atari keza.Abandanya ati natumiye umwigeme afise indwara y’igikundabagabo mu nzu iwanje n’ukuri, wamenga ni ireresi iriko irahakinirwa.Iyo umugabo atanguye kwayuza canke agatangura kuraba isaha yiwe uko udushinge twayo dukubita haba hageze ko yegera urwiwe.
Aristide Nizigire
