IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > JRR : Umukuru w’igihugu asigaje iminsi 174 kugira arangize ibiringo ahabwa (...)

JRR : Umukuru w’igihugu asigaje iminsi 174 kugira arangize ibiringo ahabwa n’amategeko

jeudi 5 Ntwarante 2015

Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu c’Uburundi, asigaje iminsi 174 kugire abe arangije ibiringo bibiri ahabwa n’amategeko. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye umuhari wa JRR.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE.bi kuri uyu wa 5 Ntwarante, Patrick Nitegeka avuga ko umuhari arongoye usaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kutarenga amategeko, akarengera ico cose coza kumutuma ashaka kwitoza ubugira gatatu, akabera n’akarorero abandi mu guhagararira ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano y’i Arusha nk’uko yabirahiye kabiri kose, imbere y’abarundi n’amakungu.

Umushingwamanza Nitegeka, asaba kizigenza ko yokwibuka amajambo we nyene ahora yivugira mu bikorane aremesha, akima amatwi abakevyi bo ku kirimba iwe, basesankuyoze bagomba kumuta mu rudubi, no guta igihugu mu kaga, ku nyungu zabo. Umukuru w’urwaruka mparaniramajambere rwa Rwagasore JRR, aremeza ko, hamwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yoramuka avuze ko azitoza ubugira gatatu, bazoca baja mw’ibarabara, berekane umubabaro wabo, berekane akababaro kabo, biyamirize ingendo yo guhonyanga amatyegeko, gushika ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha, bisubijwe ikibanza cavyo.

Aba JRR bakaba basaba ko amakungu yofasha kugira Uburundi ntiburwe mw’isanganya nk’ivyashitse muri Cote d’Ivoire na Burkina Fasso. Tukabamenyesha ko, umuhari wa JRR, uriko uhimbaza imyaka 48 umaze uvutse, ibikorwa vy’iyo sabukuru, bagategekanya ko bizomara indwi yose.

Umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye umuhari wa JRR.

Aristide Nizigire

Messages

  • Ndandayewewe iyomisi ubuze ntayoyamaze!

  • ukuntu amaradio aba abivuga narinziko ashigaje 2weeks, ni murindire ibyanyu bihinduka buri saha,naho Nkurunziza ndabona afite umwanya wokwitegura burikintu cyose as president,azabakubita icenga nkayayandi ajya akubita mukibuga. wait and see.

  • Hahahh ewe Burundi nawewe urigorewe pe!! Aba aventiriers bose bahaze ibiharage baza guha gasopo NKURUNZIZA....Sha Patrick genda urye ivyo wahorako ureke kurenza urwamo nabazungu ntaco baramugira harya bobo baramaze kubona ko azokwitoza kandi ntaco muzohindura

  • emweeeee ivyanyu turabi
    enyereye mumuhaye imisi myishi ndadaye ntayo mwamuhaye ngira mwayinyigisoda nayahandi ntabagiheme
    akwndi mumwemera kukarumukiru wigihugu suko mwamushaka uwomuhutu wingozi azobahanga sumunyamwaro kivakera JRR niyoyamye yicana ntaciza nakimwe yakoreyabahutu mwatubwira kwinkoho zirasirahose ubuho turazifise kandi sizomwaduhaye iryoterabwoba mwigizeyo rindiramategeko akore hanyuma turabonako ubwoko bwabatutsi aribwo buriko bitegura kuja mumabarabara mizotamba mwirorera ntamuhutunumwe azobagerinyuma muragerageze murabe harinigihe bitazoborohera

  • ahubwo hasigay myinsh izohera tugezeh ko mbona umengo mu igihugu biguma biyangara:j ivya 3ème mandat singera ndabihagararako kuko nizera ko atavyo azokwubahuka otherwise he will be regretting it in all his remaining days.niyipfuza kwigana ses homologues africains ndoto zake zitakua zimegonga mwamba

  • @tutuba’roony’kimeke’kadege’ mwese mwagarutse kwizina rya ndadaye’?kubera patrik ari umututsi?bivuga ko umuhutu ntakuvirize umututsi?ayo macakubiri yanyu twarayahinyuye /nyiyasamike amanwa urabe ko twebwe abahutu tutamuca izosi reka abo batutsi muvuga??umuhutu wese akeneye kufugura neza kubana nabana biwe neza nabavyeyi nababanyi’nicuti mula

  • UWUVUGA NKA RONNY NTA MAHORO ASHAKIRA UBURUNDI MBE MWIBAZA KO AKAJAGARI ,KUTUBAHA ITEGEKO NA RIMWE HARI AHO BIGEZA IGIHUGU???RONNY NAWE NTUZOSIGARA HABAYE INTAMBARA YUBUSA MUGENZI NTUSYE BWOOSE NGO URI UMU PETER KUKO ABA DD BOSE SI BA PETER

  • UWUVUGA NKA RONNY NTA MAHORO ASHAKIRA UBURUNDI MBE MWIBAZA KO AKAJAGARI ,KUTUBAHA ITEGEKO NA RIMWE HARI AHO BIGEZA IGIHUGU???RONNY NAWE NTUZOSIGARA HABAYE INTAMBARA YUBUSA MUGENZI NTUSYE BWOOSE NGO URI UMU PETER KUKO ABA DD BOSE SI BA PETER

  • ahaa arabakoze aho murway!!!!!mbega ukuri murakuzizwa!!!!wew userukira abahutu bangah?vyank vyakunda aragenda tu ivyo vyubwoko ntibifash utey agason ninde yakubwiye ko hari umututs akeney igihug!!!!so uramumpera bayi wew umushikira.niho mwiyita abagabo !!!!!abashingantahe turiho JRR komer turi maso.

  • "nwari" uvuze ukuri nk’ukurima pe! naje nagira ngo ndakwunganire, mbarira abo nyene wavuze : mbe ndabibarize, none ko muguma mwidoga, umuntu yihweje ivyo mwandika, murafise akaranda k’amacakubiri y’amoko. vyongeye kandi, musa n’abagiye mw’ishamba, bisigura ko mwaciye imitwe Abatutsi muguma mwidogera. Mbe ko mwabica ngo bahere, none barahonye? Mbe ko kuva ku ntwaro ya Domisiyano, ko mbona hatwara Abahutu, nkaba mbona urubanza gw’urupfu gwa Ndadaye rutigeze ruja ahabona ngo rucike, abamwishe bahanwe, mwabuze iki? Reka kuba muvuga ayamuhe, ni mwitonde. Nkurunziza nawe, murahumba niyasubira kwitoza bonjour les degats! ivyo bigwanisho navyo muvuga ko mufise, mbe ko mutabikoresheje kuri ya misi ibiri abantu isinzi biha amabarabara ku vya Rugurika, mwari he? ugirango bari Abatutsi????? Amoko yose harya yariho! KURA AYO MACAKUBIRI NGAHO, ISOKO RYAYO RYARAREMUYE !!!!

  • Mugabo turetse ivyamoko uyumuntu ivyavuze birimwo amakenga, Umvamumajamboyanyuma avuzengo: JRR irasaba kwamakunguyofasha kugirubirundi ntiburwe mwisanganya, jewe ahoniho nciye nibazanti: None kuwari perezida wurwanda amazekwicwa ariho umwijima waciye uterurwanda uyumujerere yobayashatse kumenibanga ryivyo barikobarategura vyokwica prezida akabonako ibisisire vyabahutu nabatutsi bikundita Nkurunziza bizohavabicabishavura bigakora icobitakwihora kubazobabazimanganije umukunziwabo, atirero kuberetugombagukora ishano rekaduhamagare amakungu!? Umva igitumandabagirije kobitwguyegukora ishano umu prezida gutwara igijekinini ntibisogurako ibarariguye ngobitune amakunguyorinda gutabazwa, akarorero Bugande ntibereye mumahoro? Zimbabwe nahandi bihanganiye abaprezindababo bagatwara igihwkinini ntibibereye mumahoro? Ariko Libiya nahandi bashinwe gukora nkivyo aba JRR barikonarapanga gukora murazi ingorane zurudaca harimwo? Murabigora abazobitabira ntibabuze.

  • uravuvukuri ba
    aze kumenibanga gusa abobahutu bogaba ntibifatanye nabo batutsi kuko ntatukundobafise ahubwo uwomukuru waJRR ntibagendabatamukuye kuko yabaseseyagatabi vyiza kobaribafisabanwanyi bomukuriyemwo mwihiganwa kandikindi ntihagire uwusubira kuvugako muburundi atabwoko buhari ubwokoburiho kandi turabwemera kimwenohanurabatutes nikobohiga umihutu wumicangero nkukombonaharabobarikobarahenda nawe akagirishinama nkiyombona nayoabobatutsigusa twabahinyuye kandi gusubiragutwara kwumututsi igihugu sejo nibashirehasi twarciyubwenge kandi ntitwabatimye kutuvugira

  • ndabibona murakaze mwese none se ninde arusha amanyama abandi

  • @nzobadora ncuti yanje urumushigantahe hewe we ntubona ko nkuruziza atweza ncane acibaza ko uwomukorako abahutu tuzoca tumugwanirira nka ndadaye haaaaagiiiiiiiihiiiiiiiiii1993 kotwarya gatatu umuntu akashobora kwiruka inyuma yumuntu ’none ubu murabona hari umuntu yorega numutuba umwe numupaga yaraye atariye?haaaaaa ahubwo tuziruka tuja ikiriri nimipaga kuko niho hafi twoshika tukifise inguvu abahutu’abatutsi’abatwa’,oyeeeeee ;;;;;;;;dd turakwabira inyuma ndakurahiye ndakabura nuwera

  • @ Nuwera, ngo urakabura Nuwera!? Umubura mubiki? sinarinzi ko mubakunzi banzirikana kumutima nawe urimwo!? Kuko umuntu arahiye avuga ngo: ndakabura ifurayanje abashatse kwerekanako yobabuze akanakiwe akunda cane gose. Arikojewe nkacangiramakenga yukuntu nobangize umukunzi arangwa nibitutsi vyakatarabaho bikantera ubwoba!? Ariko nivyo kuko usanga tuvugako dukunda Imana ariko ibikorwa dukora biyihakana.

  • Ivarivyose umugambi wokwonona ngo igihugu kirwe mu manga Uwo mwijuru ntavyemera.Nkurunziza ahagaze neza kandi murahumba azobatwara ni aho bukera. bamwe bamenyereye kwiyahura ni babe barategura imigozi yo kwimanika. Komera di Mutama Nkurunziza.

  • Ivarivyose umugambi wokwonona ngo igihugu kirwe mu manga Uwo mwijuru ntavyemera.Nkurunziza ahagaze neza kandi murahumba azobatwara ni aho bukera. bamwe bamenyereye kwiyahura ni babe barategura imigozi yo kwimanika. Komera di Mutama Nkurunziza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.