IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Kabatesi Annick umukunzi w’imico kama n’utugenegene

Kabatesi Annick umukunzi w’imico kama n’utugenegene

jeudi 28 Ntwarante 2013

Kabatesi Annick ni umwigeme w’umurundikazi amaze kumenyekana nk’umwe mu bigeme bakarorero mu guteza imbere imico kama n’utugenegene biciye muvyo akora. Kuko iyo uravye neza aho yatanguriye naho ubu ageze uca usanga ubu ageze ku ntambwe ishimishije.

JPEG - 22.7 ko

Kabatesi Annick azwi mu buhinga bwiwe bwo guhingura impuzu zaho hambere, zakorwa mu biti maze izo impuzu zikaba ari nziza kandi zishimwa na benshi.
Uwo mwigeme twaramwegereye tumubaza ibijanye nivyo akora atubwirako yabitanguye kuva akiri umwana muto kandi ko abona ibikorwa vyiwe bigenda bitera imbere umunsi ku munsi.

JPEG - 82.8 ko

Ngo yatanguye kumenyekana mu masanamu y’indirimbo kuko abacuraranzi benshi bino i Burundi bakunda kumusaba ko yobafasha kuko afise ingabirano yo kuryosha indirimbo ,nk’akarorero aho azwi cane ni mu ndirimbo yitwa “Shebba “ ya R-flow.

JPEG - 19.2 ko

Ubu Annick niwe yambika abaririmvyi benshi bo hano i Burundi baririmba cane ibijanye n’ imico kama. Aho twovuga Steven Sogo,Shazzi kool Harera,Eliane Becks Nininahazwe aba mu gihugu c’ubu Hollande mbere n’abandi benshi batandukanye.
Yari aherutse mu gihugu c’u Rwanda aho yari yitavye isabukuru yitwa “Jamafest” yari yahuje abaharanira imico kama bo muri afrika y’ubuseruko, we rero niwe yaserukiye u Burundi aho yari yajanye iyo myambaro yiwe ikozwe mu biti.

JPEG - 18 ko

Kabatesi akorera ishirahamwe ryo kurwanya umugera wa Sida ryitwa FVS/Amade –Burundi(Famille pour vaincre le Sida-Association Mondiale des Amis de l’enfance).
Kubwo iryo shirahamwe kubera ko Annick afise n’ingabirano yo kuririmba ubu aramaze gukora indirimbo nyinshi kubijanye n’umugera wa Sida.

Annick Kabatesi avuga ko afise intumbero yo gutera imbere muvyo akora kurugero rwo hejuru, akazomenyekanisha igihugu ciwe mu makungu ya hafi na kure afise kandi intumbero yo gushira imbere imico kama n’utugenegene akazovyigisha kandi abari inyuma yiwe maze umuco w’Uburundi ugashinga imizi mu rwaruka.

JPEG - 19.2 ko
JPEG - 95.5 ko

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.