IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Karusi : Ibitaro vy’akarorero bifise ibikoresho bihanitse

Karusi : Ibitaro vy’akarorero bifise ibikoresho bihanitse

mercredi 23 Mukakaro 2014

Ibitaro vy’akarorero bifise ibikoresho bihanitse vyaruguruwe mu ntara ya karusi, ariko bikaba bitararonka abaganga banonosoye bimwe bita aba spécialistes bashobora gukoresha ibikoresho vya karuhariwe biri muri ivyo bitaro.

Muganga Emmanuel Ngendakumana amenyesha ko ivyo bitaro bifise ibisata bitandukanye dusanzwe dusanga no ku bindi bitaro, igisata co kwakira abavyeyi, igisata co kuvura abana, igisata co kubaga n’ibindi bisata. Ariko sivyo gusa ivyo bitaro birafise kandi n’ibindi bisata bihanitse (imagerie (scanner,radiographie moderne),dyalise, stomatologie,laboratoire,n’ibindi.

Ku vyerekeye abaganga babinonosoye hari abaganga babiri gusa abo nabo ni umuganga yize ivyo kubaga hamwe n’umuganga yize kuvura indwara z’abana (pédiatrie). Ariko ivyo bitaro biracabuze muganga yanonosoye indwara z’amaso, uwanonosoye indwara z’amenyo ,uwanonosoye indwara z’amafyigo n’abandi baganga bazi kuvura indwara zitandukanye.

Kugira bashobore gukura iyo ngorane y’abaganga mu nzira, muganga arongoye intara y’ubuvuzi ya Karusi Emmanuel Ngendakumana amenyeshako yamaze kuvugana n’abasanzwe bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu hamwe no mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, kugira barabe ingene botorera umuti iyo ngorane.


Floxella Karire

Messages

  • Ego pe, ikintu ciza ntangere. Gusa abo bashinze kubitunganya no kubirongoora, tubasabe twongere tubasabire bashobore kubiteza imbere ntituzoje tubona mukanya bisigaye bisumbwa n’ivyo musi y’igiti.

  • Umutama Umwe Aturuka Mugihugu Cuburundi Yama Acirumugani Abana Biwe Ati Mukora Musenga Musenga Mukora Twesehamwe Dushize Inguvu Hamwe Ntacotunanira,raba Nawe Amashuri Amavuriro Mezameza Vyutswe,birabereye Igihugu Nabakirimwo.

  • Rwose imana irakoze kuboma biriya bitaro bishitse iwacu ico kibazo cabaganga nti kigoye hano hanze turiho twize ibintu vyubuganga gusa ni muganire mangene twofashanya tukaza guteza imbere no gufasha benewacu nta kuraba ubwoko umugabwe twitwa umwe duheze tuvure abacu neza.murakoze.

  • Kuva uburundi bwitwa uburundi nguye na bona leta yibuka karusi.
    Nubwo ntaba muburundi kandi nkubure ntazonavurirwayo, ndashimye cane iyo ntambwe

  • Imbonekarimwe i Burundi na Karusi yari yaranizwe.
    Nta murundi w’umutima atoshima ko ivyo bitaro vyabonetse i Burundi. Dusavye rero ko bobiha abahinga bakwiye n’ibikoresho bikwiye.

  • Iyo nkuru iranezereye cane! Nanje nciye numva umuhamagaro wo kuza guterera mukubungabunga amagara y’abarundi nkanje. Mwomfasha mukampa inumero za telefone z’ivyo bitaro canke izo mu biro vy Umuyobozi w amagara y abantu muriyo ntara? Kuko ndi umuganga w amenyo ariko ndi hanze y igihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.