Accueil > Poritike > Imigambwe > Kayanza : Urwaruka ruhamagarirwa kwima amatwi abarwigisha amacakubiri
 Kayanza : Urwaruka ruhamagarirwa kwima amatwi abarwigisha amacakubiri
 Kayanza : Urwaruka ruhamagarirwa kwima amatwi abarwigisha amacakubiri
				
				jeudi 19 Ruhuhuma 2015
Urwaruka rwo mu ntara ya Kayanza ruhamagarirwa kutumviriza abantu barwigisha amacakubiri muri iki gihe hegereje amatora.
Ivyo urwo rwaruka rukaba rwabibwiwe mu nama yateguwe n’ubushikiranganji bw’urwaruka bufatanije n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika. Muri ivyo bikorwa abo bavyitavye, bakaba basabwa ko boharanira amahoro aho bari, ndetse aboba barahenzwe maze ntibiyandikishe kugira baze bitabire amatora, bakaba basabwe ko borondera amakarata karangamuntu, bakiyandikisha.
Adolphe Sururu umwigisha muri kaminuza asanzwe ndetse ari nawe yatanze ikiganiro kuri abo bitavye ivyo bikorwa, akaba yasavye urwaruka ko rwokwirinda gushamirana n’urundi badasangiye ivyiyumviro vya poritike mu bihe vy’amatora. Asaba abo bahurikiye mu migambwe ko botahura akarangamutima k’imigambwe barimwo, kuko atamugambwe n’umwe wo mu Burundi wemerewe gukorera ku mugaragaro mu gihe ushira imbere guhohotera abo batavuga rumwe.
Asaba urwaruka kwirinda rwose, imvyino z’inzigo, z’ibitutsi, z’amoko n’amajambo aturira eka n’ibicapo vyo gutuka abandi batavuga rumwe nabo.
Aristide Nizigire
