Accueil > Amagara y’abantu > Kimwe mubituma umuntu avyibuha
 Kimwe mubituma umuntu avyibuha
 Kimwe mubituma umuntu avyibuha
				
				mercredi 13 Ntwarante 2013
K’ubushakashatsi bwakozwe muri Leta zunze ubumwe z’Amerika,ngo kubura itiro biri mubituma umutu avyibuha.Abo bashakashatsi barize ico kibazo bahava baratora impavu yaco itangaje.
Abantu bakuze 16 baratowe n’umugwi w’abashakashatsi barongowe na Kenneth Wright,umuyobozi wo mugisata kiraba ivy’itiro n’ingene ibihimba vy’umubiri bikora kuri kaninuza y’i Colorado. Abo batowe, kugira baje mu cigwa kiraba isano riri hagati y’itiro no gufungura.
Mu ndwi ya mbere,abo bariko bagirwako icirwa,baryamye amasaha atanu gusa mw’ijoro rimwe,baca bongerako hafi ikiro kimwe mu ndwi imwe,hari kubera baguma batoragura ivyo barya k’umwanya k’umwanya umunsi wose.Ivyo bimenyetso vyaciye vyigaragaza ningoga,mu ndwi ya mbere bariko barakora bataryama uko bikwiye.
Ni mu mwanya wa nyuma w’umunsi, baheje gufungura,bafunguye ivyo bita ama “calories” menshi.Ariko ngaho,siyo ngorane yonyene ihari,vyagaragaye yuko,umunsi wose,abantu babura itiro,ari barya baba bafunguye nabi;ni ukuvuga,bafata imfungurwa zo mu gitondo nkeya,inyuma y’amasaha make, bagaca baza baratoragura imfungurwa za ndemamubiri nyinshi n’izifise isukari nyinshi.
Ariko mu gihe basubiriye kuryama uko bikwiye,baciye bagabanya buno nyene gufungura ivy’ibinure vyinshi n’ivyigisukari,baca bata n’ibiro.Ivyo vyagaragaye vyaratangaje abantu barenga umuliyoni,kuko mu bufaransa baryama amasaha adashika n’atanu mw’ijoro ryose.Muri Royaume-Uni,umwongereza umuntu umwe kuri batatu akaba aryama amasaha adashika atanu mw’ijoro igihe cose.
“Kubura itiro bituma abantu bakoresha inguvu nyinshi,kuko umubiri ufise ingorane wo kuguma uhagaze.”Kugira abantu bumve ko bahagijwe, barafungura cane,ariko bagaca bafungura n’ibirengeye ivyo bategerezwa gufungura,bigaca bituma ibiro vyongerekana.
Ivyo n’ivyasiguwe na Kenneth Wright
Gufungura uko bidakwiye,siyo ngorane yonyene ituma ibiro vy’umuntu bihindagurika gusa.Kubura itiro, bituma umubiri udakora uko wari gukora bikanatuma n’ama “calories”atagabanuka n’ingoga.
Mariella Bukuru

Messages
22 Ruheshi 2017, 22:16, par ineza claver
none jewe ko ntarinka itiro ariko ntavyibushe?