IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Umunezero wari wimukiye mu Carama

Umunezero wari wimukiye mu Carama

dimanche 16 Ruheshi 2013

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo 14 Ruheshi 2013 kw’ishure ry’isumbuye ry’imyuga riri mu Carama, abanyeshure n’abarezi mbere n’abavyeyi barereye kuri iryo shure barifatikanije n’abana bahiga mu guhimbaza umunsi bahariye umuco n’akaranga nk’uko vyagiye birakorwa ku yandi mashure menshi ari ngaha mu Burundi.

Ivyo birori rero vyatangujjwe n’ijambo ry’umuyobozi w’iryo shure, umushingantahe Bizimana Nikodemu. Muri iryo jambo, yarahaye ikaze uwuserukira ishure imbere y’amategeko, abashitsi, abanyacubahiro batandukanye bari bitavye ivyo birori, abavyeyi, abarezi eka ndetse n’abo bose bari bitavye uyo munsi ndanga akaranga.
Umuyobozi w’ishure akaba yaravuze ukwo ishure ry’imyuga rya Carama ryabayeho.

umuyobozi

Umushingantahe Bizimana Nikodemu yavuze ko iryo shure ryatanguye mu mwaka w’2011, aho higa abanyeshure 85 gusa, uko igihe cagiye kirahera niko abanyeshure bagiye bariyongera, ubu bakaba bageze ku gitigiri kingana na 500.

Yabandanije avuga ko iryo shure rifise igice ca mbere c’amashure yisumbuye gusa, rikaba kandi rifise ibisata bitatu vy’ubuhinga mu nyabwonko (Informatique de maintenance, Electromecanique, Electricite industriel). Bakaba bipfuza ko mu mwaka uza bokwongerako ibindi bisata.

uwurongoye indero muri komine Kamenge

Ijambo nyamukuru ryashikirijwe n’uwuserukira iryo shure imbere y’amategeko. Nawe nyene ahiwe, yarashimiye abanyacubahiro baje kubafata mu mugongo kuri uyo munsi, ndetse akaba yarashimye rwose akigoro k’uwariwe wese yagize kugire bagere aho bageze ubu, haba mu bikorwa vyariko birarangurwa kuri uyo munsi mukuru.

Abavyeyi barereye kuri iryo shure twashoboye kuyaga, baremeza rwose ko indero. Ubuhinga ndetse n’ubumenyi bana biga kw’ishure ry’imyuga ra Carama babifise, abo bavyeyi bavuga ko ubu bashima udukorwa abo bana bakora tujanye n’ubuhinga bw’inyabwonko baronkera kuri iryo shure.

Eka n’abanyeshure bo kw’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Carama, barashima cane uko ivyirwa bitunganije, bakavuga ko ivyirwa baharonkera bituma bashobora kwiteza imbere kuko nko mu minsi y’uturuhuko canke iyo batari kwishure, bashobora kuronka abo bafasha nko gukora ivyuma vy’inyabwonko biba bifise ingorane, bagaheza bakabaha amafaranga. Abo bana rero barashimishwa n’ibisata biga kuri iryo shure, ndetse bagasaba Leta ko yorwiza amashure y’imyuga nk’ayo na rirya ubuzi bwa Leta butakiboneka, ku gira abanyeshure bize ayo mashure y’imyuga bashobore kwiteza imbere, no guteza imbere imiryango yabo, na cane cane mu kwikorera utwabo.

Uwurongoye ishure imbere y'amategeko yicaye i buryo

Ivyo birori rero bikaba vyari bihimbaye cane, kuko abanyeshure bo kuri iryo shure bakoze ibintu vy’abgatangaza haba mu ntanbo, mu mvyino, no mu tundi tugenegene dutandukanye. Ndetse abashitsi bari ngaho, bakaba batumenyesheje ko bumva bokwigumira mu Carama kuri iryo shure kuko babona umunezewro wose ariho wari wimukiye. Ibirori bikaba vyarangiye abatumire, abasangwa n’abandi bose basangiye akarahuri.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.