IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kuva umwuna biva kuki? Umuntu yokora iki?

Kuva umwuna biva kuki? Umuntu yokora iki?

lundi 15 Nyakanga 2014

Kuva umwuna bishikira abana n’abakuze. Mbega none biterwa n’iki? Uwuvuye umwuna yoca akora iki? Mbega ni ibisanzwe canke vyerekana ko umuntu aremvye?

Abahinga mu buvuzi bavuga ko kuva amaraso mu mazuru, arivyo bita "épistaxis" bishobora gushika ata kintu gikomeye bivuyeko, kuko mu zuru harimwo udutsi twinshi dutoduto dushobora kuva amaraso n’ingoga kandi tukanyaruka gukira.

Baravuga ko bishobora gushika ataco bivuyeko ku bana no ku bakenyezi bibungenze. Ariko kandi, umwuna uterwa n’iyo umuntu yahuye n’ikintu kibabaza izuru (choc), iyo umuntu yiyagaje cane mu zuru umwanya munini, yasamuye gose, yagumye ku zuba ryinshi, yahuye n’umuyaga (un air trop sec), agwaye ibicurane (rhume), afise umurindi w’amaraso (hypertension artérielle) canke amaraso yiwe atavura (troubles de la coagulation du sang).

Mu kwirinda kuva umwuna ku muntu bikunze gushikira, n’uko yokwirinda kuza arashira urutoke mu mazuru, akimyira buhoro buhoro, akaza arashira mu mazuru umuti uhorosha (sérum physiologique).

Ico rero umuntu yokora iyo avuye umwuna, yokwimyira rimwe gusa buhoro cane kugira akureyo amaraso yavuze (caillots de sang). Yokwicara umutwe uza imbere nk’uwuraba hasi, akareka ayo maraso akava muzuru, agacira ayaciye mu muhogo, agahemera mu kanwa. Birabujijwe ko umuntu ararama kuko amaraso aca aja mu muhogo, iyo umuntu ayamize bikazana iseseme. Yoca afyonda n’intoke ziwe musi yigufa ry’izuru nk’iminota 10 adahagaritse, ahemera mu kanwa, kuko bifata iminota 7 kugira amaraso afatane (coagulation du sang). Ivyo biratuma kenshi umwuna uhagarara. Yoshira ibarafu mu maso hejuru y’izuru kuko biragabanya umwuna, twadutsi takiyunga kubera ubukanye.

Iyo umwuna waheze, n’ukugerageza kutimyira nk’inyuma y’amasaha 12, yimyiriye naho akabigira buhoro. Akasamura canke agakorora yuguruye umunwa kugira ntasubire kuva umwuna. Birabujijwe no gutsirita izuru canke kurishiramwo ikintu nk’ipampa canke ibindi ngo umuntu ariko araryoza kiretse "mèche de coton hémostatique" bagurisha muma pharmacies. Iyo umwuna waheze bigoranye, umuntu yoca aryama yiseguye.

Ariko rero, umwuna iyo wanse guhera, amaraso akava ari meshi kandi umuntu akerekana n’ibindi bimenyetso vy’indwara (kubira icuya, umutima ugatera cane n’ibindi) canke bitewe n’isanganya yagize, aho n’ukumunyarukana kwa muganga kugira barabe ico bivuyeko, ariko bakagabanya ivirirana mu gufyonda izuru ryiwe.


Nadège Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.