Accueil > Amagara y’abantu > Kuvugisha umwana nk’abakuze biri mu bituma agira ubwenge bwinshi
 Kuvugisha umwana nk’abakuze biri mu bituma agira ubwenge bwinshi
 Kuvugisha umwana nk’abakuze biri mu bituma agira ubwenge bwinshi
				
				dimanche 16 Ruhuhuma 2014
Mu bushakashatsi bwakozwe, abahinga baremeza ko kuganiriza nk’abakuze umwana akiri muto, hakoreshejwe ibimenyetso bitandukanye, bituma ubwonko bwiwe bukora neza, maze bikazomufasha gukurikira neza ubuzima bwiwe bwose.
Bamwe muri abo bana, igihe umuvyeyi wabo abavugishije n’ijwi riri hejuru canke rirongoroye umuhogo, umwana aca aguma umuraba, ariko kugira yige, ni vyiza ko bomuvugisha nk’abakuze n’ubwo yoba akiri muto.
Nk’uko bisigurwa na Erika Hoff, umuhinga w’ivy’inyifato kuri kaminuza Florida Atlantic, ntivyari bikwiye ko umwana bamuvugisha kugira gusa bamuvugishe, ariko ni ngombwa ko amajambo bakoresha mukumuvugisha aba ari ngirakamaro. Ati: “Ijambo ritegerezwa kuba ryikijwe ubwaryo, kandi rikwije ibisabwa vyose kugira ryitwe iryungane”.
Kubwa Kimberly Noble, umuganga w’abana akaraba n’indwara zo mu mutwe, kuri kaminuza y’i Columbia I New York, kuvugisha uruyoya n’ivya nkenerwa kandi bikagira akamaro ku bana na cane cane, abava mu miryango idakunda kuvuga cane. Kuko bene abo bana usanga kenshi no mw’ishure baba basa n’abadaciye ubwenge.
Muganga Noble yanonosoye ivy’indwara zo mu mutwe ari kumwe na bagenziwe, baragize ubushakashatsi mu kuraba itandukanirizo ryoba rihari hagati y’abana baba mu miryango ibayabaye, n’abafise abavyeyi bize amshure yisumbuye. Basanze hari itandukanirizo hagati yabo mu bijanye n’ukungene biyumvira hamwe n’ukungene bigenza mu kibano. Ikibatandukanya ahanini, kikaba ari ukungene ubwonko bwabo bukora bivanye n’amajambo baba bumvise.
Anne Fernald, umuhinga mu vy’inyifato kuri kaminuza y’i Stanford, mu cirwa yakoze ku bana baba mu miryango ibayabaye, yasanze mu biyabo vyabo, ari abana baba bataronse akaryo ko kwama bavugishwa n’abavyeyi babo, igihe bari bakiri bato. Ahanura abavyeyi kwama baganiriza abana babo, bakabavugisha nk’abakuze mu biyago vyabo kugira ubwonko bwabo buze bukurane ubwenge bwinshi.
Mariella Bukuru
