Accueil > Imico kama > Umuco > Lycée Notre Dame de Rohero yarahimbaje umusi ndangakaranga
 Lycée Notre Dame de Rohero yarahimbaje umusi ndangakaranga
 Lycée Notre Dame de Rohero yarahimbaje umusi ndangakaranga
				
				dimanche 28 Ndamukiza 2013
Hari kuri uyo wa gatandatu igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2013 aho abanyeshure bo kw’ishure ryisumbuye “Lycee Notre Dame de Rohero” bari baramutse biginana n’abavyeyi, bahimbaza umusi ndangakaranga.
Abarongozi n’abarezibo kuri iryo shure, abavyeyi, abaririmvyi batandukanye nka Franck G80, umurwi Peace and Love, abanyeshure hamwe n’abandi baje bava ku mashure atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura nibo bari bitavye ivyo birori vyatanguye nk’igihe c’isaha umunani.
Inyuma y’ijambo ry’umuyobozi hakurikiye abakobwa batambuka kugira hatorwe uwarushije abandi, bimwe bita “Defilé Miss Lycee Notre Dame de Rohero”. Abahiganwa bagera kuri cumi, bava mu myaka y’amashure itandukanye. Si ivyo gusa, hari hateguwe n’izindi ntambo zitandukanye nk’imidiho ndangakaranga, salsa n’izindi.
 
- Umuyobozi wa Lycee Notre Dame de Rohero
Vyaraboneka ko abantu bose bari aho banezerejwe n’ibirori, abana bakiri bato, imiyabaga ndetse n’abakuze. Umuririmvyi Franck G80 ahamagawe yakirijwe amashi menshi, yararirimvye baranezerwa. Hamaze gushika umurwi Peace and Love abantu baratamvye, eka ntivyoroshe namba.
Hakurikiye igikorwa co kumenyesha Miss Lycée Notre Dame de Rohero. Hatorwa batatu ba mbere muri cumi bahiganwe. Mu kumenyesha Miss Lycée Notre Dame de Rohero bahera kuwa gatatu, uwa kabiri hama uwa mbere.
 
- Abanyeshuri bitoje kuba aba Miss
 
- Abanyeshuri bitoje kuba aba Miss
Umwigeme yatowe mu kibanza ca gatatu yitwa NIKUZE Bella-Martine yiga mu mwaka w’icumi na rimwe mu gisata c’ubushakashatsi akaba asanzwe aba muri quartier Rohero ya kabiri. Uwa kabiri yabaye Rwitura Audiane yiga mu mwaka w’umunani akaba muri quartier Kigobe. Uwatahiye ikibanza ca mbere ari nawe Miss Lycée Notre Dame de Rohero ni Dushime Ella-Sonia yiga mu mwaka w’icumi akaba aba muri Quartier Kanyosha.
 
- Uwaronse ikibanza ca mbere ari nawe Miss Lycée Notre Dame de Rohero ni Dushime Ella-Sonia yiga mu mwaka w’icumi
Uko ari batatu batuyagiye ukwo biyumva. Ella-Sonia ati: “Ndanezerewe cane kubona banyizeye bakantora. Ndabashimiye bivuye ku mutima”. Arongera ati: “N’abatatowe ntibacike intege bazotorwa mu mwaka uza.” 
Audiane yashimye kubona yabaye uwa kabiri, co kimwe na Bella-Martine yanezerezwe n’ikibanza yaronse. Ashimira kandi umuvyeyi wiwe yamuhaye uburenganzira bwo guhiganwa. Ibirori vyarangiye nk’isaha imwe n’igice z’ijoro.
 
- Franck G80
 
- Abatanvyi b’indiirimbo z’akaranga
 
- Abanyeshure bo kuri Lycee Notre Dame de Rohero
 
- Abashikirizaga ingene ibirori bitunganijwe
 
- Abanyeshuri batamvye Salsa
 
- Umunyatugenegene , yigize umukobwa kandi ari umuhungu
Prosper Ndayikeza





Messages
2 Rusama 2013, 03:16, par jean de dieu
Ndashimye imyambarire yanyu nimyiza cane kandi nkabasba ko mwakomeza uko ntimuze muhindure imico kama y’Uburundi.
nkongera kuvuga ko nakunze umukobwa wa numero 7,6 ariko cane cane numero 4 bishoboka arashobora kumbona akoresheje facebook izina ashobora gukoresha ni jay dedieu canke dedieu Jay. murakoze
24 Mukakaro 2013, 06:08, par Nshimirimana jean marie
abigeme nkabo bambara bakikwiza nibo bintanga rugero, bakomeze kwgisha abandi bigeme, kuko hariho abataye umurongo, akaranga k’igihugu niko kerekana ubusugire bw’igihugu icari cose hama hari umwari nakunze n04