Accueil > Amagara y’abantu > Makamba : Umugambi mushasha wo kuvurira muhira indwara ya Malaria
 Makamba : Umugambi mushasha wo kuvurira muhira indwara ya Malaria
 Makamba : Umugambi mushasha wo kuvurira muhira indwara ya Malaria
				
				mercredi 5 Munyonyo 2014
Umugambi wo kuvura indwara ya Malaria muhira watangujwe icese mu ntara ya MAKAMBA. Uwo mugambi wo kuvura abana bafise imyaka iri hagati y’amezi abiri n’amezi 59, ni umugambi mushasha w’umugambi wa IADH (Inititaive d’Appui au Développement Humain Durable) usanzwe ukorera mu ntara ya Makamba.
Uwo mugambi wo kuvurira indwara ya Malaria muhira watangujwe muri komine Kayogoro, na muganga Evariste Kwizera, intumwa idasanzwe y’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida. Ibikoresho vyo kwa muganga bizokoreshwa muri uwo mugambi vyatanzwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Uwo mugambi ukazogirira akamaro abanyagihugu b’aho i Makamba kuko uzotuma abasanzwe bahitanwa n’iyo ndwara bagabanuka. Ya ngorane y’urugendo rurerure mu kujana abo bana kwa muganga rugiye kugabanuka, kuko abaganga bo muri uwo mugambi bazokora ku muhana ku muhana. Aba mbere mubaronse ivyo bikoresho ni abasanzwe bakora mu gisata c’amagara y’abantu ariko baba kure y’ibitaro n’amavuriro.
Floxella Karire
