IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Maramvya: Abanyagihugu bariyamiriza ingingo yo gukura umukuru wa (...)

Maramvya: Abanyagihugu bariyamiriza ingingo yo gukura umukuru wa zone

mardi 18 Myandagaro 2015

Abanyagihugu bo muri zone ya Maramvya mu ntara ya Bujumbura Rural bazindukiye mu myiyerekano mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 18 Myandagaro,biyamiriza ikurwa ry’umukuru wa zone.

Ingingo yo gukura umukuru wa zone Maramvya yafashwe na buramatari w’intara ya Bujumbura Rural.

Abari muri iyo myiyerekano bamenyesha ko bafise umubabaro kuko umukuru wa zone yari asanzwe ameze neza kandi yatwarira bose,agatanga impanuro mu gihe c’indyane,kandi bakaba bamukuye ikiringo ciwe kitararangira.

Buramatari w’intara ya Bujumbura avuga ko ikurwa ry’umukuru wa Zone Maramvya rifise insiguro kuko hari ikibazo c’amatongo bariko bakorako amatohoza ko yoba abifisemwo uruhara,basanze atarwo afisemwo asubizwe mu mabanga.

Buramatari w’intara ya Bujumbura Rural avuga ko abagize imyiyerekano atari abanyagihugu bose ariko ko ari akarwi k’abantu bashigikiye umukuru wa zone Muramvya.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.