IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > MSD ntizojana na ADC IKIBIRI mu matora ya mbere

MSD ntizojana na ADC IKIBIRI mu matora ya mbere

mercredi 25 Ntwarante 2015, par Egide N

Umugambwe MSD wafashe ingingo yo kuzotanga wonyene intonde z’abashingamateka n’abahanuzi b’amakomine mu matora ya mbere, kuko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko atazi uwo mugambwe muyigize urunani ADC IKIBIRI.

Mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA aheruka kumenyesha ko umugambwe MSD utari mu migambwe igize urunani ADC IKIBIRI, yitwajije nk’uko bivugwa na Fransisko Nyamoya umunyamabanga mukuru wa MSD, ko ikoraniro ry’uwo mugambwe ry’i Ngozi riterekanye neza namba uwo mugambwe uri muri urwo runani, akongera agafatira kw’ikete ry’uwo mugambwe MSD ryoba riterekanye neza ko uwo mugambwe ugiye hamwe n’iyindi muri ADC IKIBIRI, abagize MSD bafashe ingingo yo kuzotanga kw’izina rya MSD intonde z’abashingamateka hamwe n’abahanuzi b’amakomine.

Mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye, Fransisko Nyamoya umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe, yamenyesheje ko ibivugwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ari ivyitwazo, kuko muri uwo mugambwe bemeza ko bamwandikiye ikete bisigura kandi bamubwira ko bari mu runani ADC IKIBIRI, ariko akaba atigeze aryishura, bikagaragara ko adateze kwemera ko amategeko abaha muri MSD uburenganzira bw’ukuja mu runani ADC IKIBIRI.
Muri MSD bakagira amakenga, kuko no mu murwi CENI ujejwe gutegura amatora bamaze kumenyesha ko inani bemera ari izemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Nk’uko bivugwa na Fransisko Nyamoya, umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD, mu gihe umushikiranganji Edouard Nduwimana yemeje ko atazi ko MSD iri mu runani ADC IKIBIRI, bisigura ko uwo mugambwe utagishobora kuja hamwe na ADC IKIBIRI mu matora nk’uko bari bavyiyemeje, ari naco gituma bafashe ingingo yo kwitegura ukwabo, kubera iminsi ibajanye. Iyo ngingo yafashwe na MSD ivuga ko uwo mugambwe uzotanga wonyene intonde z’abazoseruka mu matora y’abashingamateka hamwe n’ay’abahanuzi b’amakomine.

JPEG - 71.6 ko
Fransisko Nyamoya, umunyamabanga mukuru MSD

Fransisko Nyamoya, umunyamabanga mukuru w’umugambwe MSD amenyesha ko naho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA atabemera muri urwo runani, bazoguma bakorana na ADC IKIBIRI, ari naco gituma mu matora y’umukuru w’igihugu muri MSD na ADC IKIBIRI bazoja hamwe bagatora umwe azoserukira urwo runani muri ayo matora.


Egide Nduwimana

Messages

  • ewe Frodebu léonce nawe urambabaje, nubandanye utera igere nyene urabe ko CENI yohagarikwa nayubundi ntaco wanze kwisoko ry’amatora. Namwe ndabivuga nta coalition ibaho, personne ne peut voter pour la coalition, kandi na liste ntizishoboka kuko imigambwe ntiyipanze cokimwe kuri terrain, kandi kuvyombona ntakintu citwa ADC kikibaho. Aha rero na RANAC nukuraba neza Uprona ya nditije nirabe nayo igire ama liste yayo ntize yigere yibaza ngo bazosangira ama liste na Rwasa kuko biraboneka neza ko nditije akurikira rwasa yibaza ko harico yomufasha ariko arihenda kuko ntanaho basa basana kubanywanyi vyiza yoreka kwirigwa arata umwanya ngo harivyo ama listes bariko bategurana, kandi rwasa uko ndamuzi yashatse kumwumviriza kugira amukuremwo ivyiyumviro nayubundi buca amwikurako, rwasa uko ameze ntashaka umuntu bamenyerana cane, aguma ahindagura abo bakorana kandi ntancabwenge ashakako iteba iruhande yiwe. Amatora azogenda neza Imana yohejuru irabibona.

  • Ukobiri kose urunani banka ruzoguma ari urunani.erega abarundi barayamaze bzti: ubugirigiri bugira babi. Aho niho ubwoba bwa eduard buri,ariko arahumba kuko abarundi turi maso.

  • MSD wwe ni sawa kuko ntakuntu mwokubaka rumwe nabo bagabo vyananiye kwipanga.mugabo utujwi ni nyakabiga na jabe et ngagara.RUGURU iwacu wapi CNDD FDD yaramaze kubatangayo.

  • Wamurundi,ukuri Kose,reka Kwanka Benewanyu,waba Umuhutu.Cnke Tutsi,canke Umutwa,kundane,ntimumere Nka Wamuvuzi,ngotuzobumba Tumena,

  • MSD kuba utakiri muri ADC IKIBIRI nibisanzwe.tebukana izo ntonde z,abitoza kuko witoje kugiti cawe niho amajwi yawe niho atosanzara.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.