IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Musée vivant irabeshuza ibivugwa ko hari umukenyezi yoba yahindutse (...)

Musée vivant irabeshuza ibivugwa ko hari umukenyezi yoba yahindutse inzoka

vendredi 30 Munyonyo 2012

Haheze iminsi mu gisagara ca Bujumbura hari ibihuha bivuga ko hari umukenyezi yoba yahindutse inzoka ngo akaba yoba ari muri musée vivant. Ni naco gituma Christophe Banzubaze ajejwe ububiko muri ico kigo amenyesha ko ari ikinyoma gifatiye ku bihuha.

Haraheze imisi irenga ibiri, abantu bagizwe ahanini n’abanyeshure na bamwe mubakuze, bava mu makomine yose y’igisagara ca Bujumbura, eka n’abo mu gihugu hagati baza ku bwinshi muri Musée vivant ngo kuraba umukenyezi yahindutse inzoka iyo nayo ngo ikaba yoba yari ibitswe muri ico kigo. Banzubaze amenyesha ko vyari bigoye kwakira abo bantu kubera ubwinshi bwabo.

Amaze kubeshuza ivy’uwo mukenyezi bivugwa ko yahindutse inzoka avuga ko abemeza ko babonye amasanamu yiwe bovyitondera ngo kuko ubu ubuhinga buteye imbere, amasanamu abantu bashobora kuyihingurira bakoresheje mudasobwa (ordinateur) bimwe bita montage.

Banzubaze amenyesha ko Musée vivant izobandanya kwakira igenzi zaba izo mu gihugu canke mvamakungu. Avuga ko abenegihugu barihishwa amafaranga 2000 ku muntu akuze, 1000 ku bana, akaboneraho no kubeshuza ibivugwa na bamwe bamwe ko hari aho harihishwa 5000.

Ibikoko biri muri musée vivant vyoba biva he ?

Christophe Banzubaze amenyesha ko muri Musée vivant badapfa ibikoko batunze. Ngo borora ibikoko mu ntumbero yo kwigisha abanyagihugu na cane cane urwaruka gukingira ibidukikije. Avuga ko Musée vivant ikoresha abakozi bafise uburenganzira bahawe n’ishirahamwe rikingira ibidukikije n’amashamba (INCEN) rwo kuja mu mashamba kuzana ibikoko bija muri Musée vivant gusa. Arangiza amenyesha ko naho iyo nkuru y’uwo mukenyezi yari kuba yo, iyo nzoka itari kwakirwa aho muri Musée vivant.


Ndayikengurutse Jean Michel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.