Accueil > Poritike > Imigambwe > Muyinga : UPD Zigamibanga ibandanya kwiyunga mu ntara
 Muyinga : UPD Zigamibanga ibandanya kwiyunga mu ntara
 Muyinga : UPD Zigamibanga ibandanya kwiyunga mu ntara
				
				lundi 2 Ruhuhuma 2015
Abanywanyi b’umugambwe UPD Zigamibanga bariko barabandanya ukwiyunga, ubu ivyo bikorwa bikaba biriko bibera mu nata z’Uburundi.
Mu ntara ya Muyinga ahabereye ivyo bikorwa mu mpera z’iyinga turangije, abanywanyi b’umugambwe UPD Zigamibanga bakaba baramukanije mu kuwana mu nda, kugira berekane ko ingorane bari bamazemwo iminsi z’ugucikamwo mu mashami zarangiye. Abo banyagihugu bakaba bamenyeshejwe n’umushingamateka Yassini Radjabu ko hariko harategurwa ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe mu kwezi kwa Ruhuhuma.
Yassini Radjabu yahoze mu mugambwe CNDD FDD imbere y’uko yinjira mu mugambwe UPD Zigamibanga, akaba yari mu murwi w’abahuza muri uyo mugambwe, yibukije abanywanyi b’uwo mugambwe ko atayindi nzira n’imwe ihari yo guhindura ibintu bidaciye mu matora, ari naco gituma ahamagarira abazigamabanga bose boba batiyandikishije mw’iyandikwa rya mbere, kudasigara inyuma mu kiringo kindi buca gishikirizwa n’umurwi ujejwe amatora CENI, kuri abo bose batiyandikishije kugira baze bitabire amatora yose.
Aristide Nizigire

Messages
3 Ruhuhuma 2015, 21:28, par Nuwera
Wamushingamatekawe urakoze gucishamwo akajambo kavugako atayindinzira yoguhindura ibintu ataramatora, kukohariho abibazako kwirirwa barementanya kwarivyo bizohindura ivyobibaza kobitameze neza, ivyonavyo vyamarementanya bontibaziko bibabiriko biratwononera democratie kuko igihugunkiki kikirigishasha mubijanye na democratie iyo uvanzemwo ivyamarementanya hacahibandanyiriza iterambere ryurwamogusa mugihugu.