Accueil > Amagara y’abantu > N’ibiki umuvyeyi yokora kugira yirinde kuvyara intahekana?
 N’ibiki umuvyeyi yokora kugira yirinde kuvyara  intahekana?
 N’ibiki umuvyeyi yokora kugira yirinde kuvyara  intahekana?
				
				mercredi 24 Mukakaro 2013
Ukuvyara ku rugero ni umwumvikano w’abubatse ku vyerekeye igirigiri c’abana, igihe bobavyarira, umwanya woca hagati y’uruvyaro n’urundi, igihe bazohagarikira kwibaruka bisunze ubushobozi bafise bwo kurera abo bana no kubategurira kazoza keza.
Kutavyara ku rugero biri mu bituma abavyeyi bavyara intahekana, abana bakavuka atamagara meza bafise mbere n’amagara y’umuvyeyi agasinzikara.
Kuri ico kibazo co kuvyara ku rugero, hari abibaza ko abagabo bitabega cane, ari igikorwa c’abakenyezi gusa. N’ubwo ari abakenyezi bibaruka, kuvyara ku rugero n’ikibazo cirwa hagati y’umugabo n’umugore ata wundi barinze guhanuza.
Kuvyara intahekana bifise ingaruka mbi zitari nke haba ku bana, baha k’umukenyezi canke mu muryango. Muti none icokorwa n’igiki, ko hamaze kuvurwa ibitari bike kuvyerekeraniye no kuvyara ku rugero?
Ica mbere coco, kugira umwana avuke, ni uko haba habanje kuba umwumvikano hagati y’abavyeyi biwe. Ikindi naco, kugira ngo umwana na nyina bagire amagara meza, abubatse bakwiye gukurikiza, haciye imyaka ibiri canke irenga. N’ubwo, ivyo bitorohera bose, abavyeyi bose bari bakwiye kwiyumvira ku magara yabo na kazoza k’abana bibarutse. Mu vyigwa vyakozwe mu bijanye n’amagara y’abantu, vyagaragayeko iyo umuvyeyi yibarutse umucuko atarakwiza imyaka ibiri, aba yongereje intambanyi ku magara yiwe n’ay’ivyo bibondo vyiwe. Ikindi naco, igihe umuvyeyi asubiye kwibungenga atarakomera, iyo mbanyi irashobora gukoroka, akibaruka umwana atageze canke afise ibiro bidakwiye.
Bimwe mu buryo bwotuma umuvyeyi yirinda kuvyara intahekana, hari ukwonsa umwana gushika ku mezi atandatu, ivyo bikemezwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu. Amaberebere n’imfungurwa y’abana bose bakivuka akaba n’umuti w’ingwara zitari nke zishora gushikira umwana, nko kugira uduherehere, kurwara za hasima, n’utundi turwara tw’abana bakivuka. Amaberebere akaba atandukanye kandi n’amata y’inka kuko yoyo afise ibinure vyinshi bidakenewe ku bana batarakwiza amazi atandatu. Ku bavyeyi birarutse, kwonsa umwana umwanya muremure, gushika ku mezi atandatu, bimutuma asubira kuja m’ubutinyanka atevye bigaca bituma adasama inda atipfuje. Iyo atonkeje, ubutinyanka bugaruka imbere y’amazi atatu gusa. Ikindi naco, kwonsa umwana gushika mezi atandatu, biragabanya kuguma avirirana inyuma yo kwibaruka, bikanatuma igitereko gisubira ni ngoga kumera ukwo cari kimeze atarasama.
Kwonsa bifise akamaro akanini , haba ku muvyeyi, haba ku mwana, canke ku muryango kuko bica bifasha kutaza baragura amata y’ikizungu asanzwe anazimvye akanatuma yongereza ubukene mu muryango. Ni ngombwa rero ko abavyeyi bonsa abana gushika ku mezi atandatu kugira birinde kuvyara intahekana bongere barinde n’amagara y’abo.
Mariella Bukuru

Messages
4 Ruheshi 2018, 09:29, par HITIMANA GVS
Andika hano Ndashimye Inyigisho Muga Mutwigishe Imisi Umugore Asamirako Ningene Umuntu Yokwirinda Gusama Adakoresheje Uburyo Bwimiti Murakoze
2 Myandagaro 2018, 06:30, par Bizimana Emile
Nashaka Kubaza kuvyerekeye uburyo bwo kuvyara ku rugero ak: akagegene koba gafise ingaruka mbi izihe? nirya wagakoresheje wotangura kurangura amabanga yabubatse?