Accueil > Poritike > Imigambwe > Pascal Nyabenda : Uwuzoserukira CNDD FDD azotorwa n’Abagumyabanga
 Pascal Nyabenda : Uwuzoserukira CNDD FDD azotorwa n’Abagumyabanga
 Pascal Nyabenda : Uwuzoserukira CNDD FDD azotorwa n’Abagumyabanga
				
				lundi 16 Ntwarante 2015, par
ITANGAZO No 005/2015 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RYO KU WA 16 NTWARANTE 2015 RYEREKEYE IVYAVUYE MU NAMA Y’ABARONGOYE INZEGO NKURU NKURU Z’UMUGAMBWE CNDD-FDD
1. Kw’igenekerezo ryo ku wa 14 ntwarante 2015 i Bujumbura, abarongoye inzego nkuru nkuru z’Umugambwe CNDD-FDD uhereye ku Nama Nkuru y’Inararibonye, Ubuserukizi Bukuru, Inama Mpanuzwajambo ku rwego rw’Igihugu, Umurwi ujejwe inyifato hamwe n’imigenderanire n’iyindi migambwe, Umurwi ujejwe gukurikiranira hafi ubuzima bw’Umugambwe n’ubw’Igihugu hamwe n’Umurwi ujejwe Ishure ryigisha Akarangamutima barakoranye barabira hamwe icegeranyo c’Umukuru w’Umugambwe ku vyerekeye aho ibikorwa bigeze na cane cane ibijanye n’itegurwa ry’amatora yo mu 2015 kugira ngo bagire ico bakivuzeko ;
2. Abarongoye izo nzego bamaze kubona ko amategeko ntunganyamugambwe, ntunganyabikorwa yubahirijwe kandi abarekurira gukora inama nk’uko vyari vyategekanijwe, baciye bashimira Umukuru w’Umugambwe ku mwitwarariko arangurana ibikorwa ajejwe nko kuba yaratunganije imyiherero y’Imbonerakure (Ligue des Jeunes) iy’Abakenyererarugamba (Ligue des Femmes) n’iy’Abaserukira abandi bakuru bakuru mu buzi bunyuranye bw’Igihugu hamwe no kubamenyesha ingene ibikorwa bigenda uko amezi atatu aheze n’igihe cose bibaye ngombwa ;
3. Muri ibi bihe vyo kwitegurira amatora yo mu 2015, integuro y’ibikorwa bijanye n’ivyegeranyo vy’amakoraniro yabereye mu makomine 129 y’igihugu cose ku wa 18 Gitugutu 2014 hamwe n’ivyegeranyo vy ‘amakoraniro y’intara 17 yatunganijwe itariki 22 Munyonyo 2014 yarihwejwe kandi irashimwa, ivyo navyo bikaba vyari vyerekeye ingene amakoraniro ubwayo yagenze n’ivyo yashitseko ;
4. Abari mu nama barakengurutse ingene abenegihugu muri rusangi n’abagumyabanga cane cane baranguye igikorwa co kwiyandikisha kugira ngo baze babonereho kwitorera mu mwidegemvyo abazobarongora inyuma y’amatora yo mu 2015 haba ku rwego rw’Umukuru w’Igihugu, Abashingamateka n’Abakenguzamateka, Abajenama ba Komine hamwe n’Abarongozi b’Imitumba. Umugambwe CNDD-FDD warakejwe ingene waranguye ico gikorwa n’ishaka wakoresheje kugira ngo kiranguke neza. Baboneyeho n’akanya ko kwibutsa ko n’irindi yandikwa ry’abasigaye ryotunganywa neza nk’irya mbere kuko naryo nyene risaba inguvu nyinshi ;
5. Hamaze kwihwezwa no guhanahana ivyiyumviro ku biraba ingene intonde z’Abashingamateka, Abakenguzamateka n’Abajenama ba Komine zatunganijwe, abari muri iyo nama bunganiye ko inzego nkuru z’Umugambwe CNDD-FDD zosuzuma mu Ntara canke mw’Ikomine aho bitagenze neza kugira ngo zibiryohore ku neza ya bose ;
6. Abari mu nama bararonse akanya ko kwihweza icegeranyo ku nyifato idasobanutse y’Abagumyabanga bamwe bamwe ifatiye ku bihe vyo kwitegurira amatora yo mu 2015 baca bahanura ko Umugambwe CNDD-FDD wofata ingingo zibereye kuri abo bose bahonyanga akarangamutima kawo ;
7. Ku bijanye n’abipfuza guhagarika ubuzima bw’Iguhugu n’abanyagihugu bakoresheje imyiyerekano yo gutera akajagari ku mvo zo gusenyura inzego za demokarasi zishiriweho n’abenegihugu nk’uko vyabaye mu myaka yaheze aho igisoda cica kigakiza mu mugambwe umwe rudende, abarongoye inzego bari bakoranye bariyamirije iyo ngendo kuko ari iyo gusubiza inyuma igihugu muri za Reta mfatakibanza z’amagaburanyama ata kindi zazaniye igihugu uretse amarira n’amaganya. Iyi mpanuro yahawe kandi abo bose barota kudusubiza mu butegetsi budahagaze ku matora aho abenegihugu ari bo bitorera ababarongora ;
8. Ku biraba amajambo menshi ataho afatiye yirigwa arakwiragizwa n’amaradiyo amwe amwe hamwe n’amashirahamwe amwe amwe yitwa ko adaharanira inyungu za politike ku mvo zo gucamwo ibice abenegihugu bitwaje uwuzoshirwa imbere n’Umugambwe CNDD-FDD mu matora yo 2015, abari mu nama bamaze guca hirya no hino ico kibazo basanze ko iyo nzira yafashwe n’abagwanya CNDD-FDD ari iyo gusenyura Reta babanje guhagarika Ibwirizwa Nshingiro. Bahanuye ko ata yindi nzira ihari yo kumenyesha uwuzoshirwa imbere n’uwo Mugambwe uretse iyisunga amategeko y’Igihugu cane cane Ibwirizwa Nshingiro, amategeko agenga Umugambwe no kwubahiriza ico Abagumyabanga bo mu gihugu cose bipfuza ;
9. Abari mu nama barangije bibukanya Isezerano ntarengwa ry’uko Imana ifise ikibanza ca mbere mu Mugambwe CNDD-FDD no kwubahiriza ivyipfuzo n’ineza y’abenegihugu, baca basaba abagumyabanga kubandanya urunani ntamenwa bafatanye mu nda, bahumuriza abenegihugu n’incuti z’Uburundi ziri mu gihugu cacu ko ata maraso azongera guseseka nk’uko abansi b’amahoro bavyipfuza kuko Ikiganza ciza c’Imana kiri ku Burundi.
IGIHE

Messages
16 Ntwarante 2015, 20:42, par Kamana
Nta kintu kirimwo gifatika nakuyemwo. Dukeneye kumenya si Nkurunziza partira ou pas.
16 Ntwarante 2015, 21:58, par byizacyane
uwo kamana nategere haracyari ubigomba gutegurwa, sinkuko uva muri chambre yawe ujya muri WC. reka umugambwe uzabikunenyesha vubaha.
16 Ntwarante 2015, 22:10, par kamariza
bawikorera utwawe, nuzoza wese ntazo kuzanira ibiharage n’imikekeke kwisahane, uzotungwa n’amaboko yawe. kereka wenda haje yesu niwe watubura amafi n’imigati mukarya mutakoze.naho ubana b’abantu bose nibamwe.
16 Ntwarante 2015, 22:23, par Prayer
Un long text qui ne signifie pratiquement rien. J’aimerais savoir de quel dieu on nous parle. En tout cas je doute fort que le Dieu Vivant qui s’appelle Jehovah soit celui-la qui les guide dans ce qu’ils font. Notez qu’il existe une multitude de dieux mais un seul "Dieu".
16 Ntwarante 2015, 22:52, par Citoyen
Iryo kete nta kirimwo! Nyabenda yagomvye kwikurayo , asa n’ushikiriza ivyiyumviro vyoba vyashikirijew n’inama. Ivyo n’ivyiyumviro vyiwe s’ivyinama! Aba CNDD, Si ba niryo bose!
16 Ntwarante 2015, 23:14, par gahungu
EMWE AHO NTACO MBONYEMWO,ABONYE RPA YARABIMENYE ATI REKA NIKUREYO MENYESHE IVYAVUGIWEYO.TWARABIMENYE TURIFITIYE RPA IZI GUTOHOZA.
16 Ntwarante 2015, 23:17, par Ntacontemanga!
Aradutereye umwanya wogusoma ibindi! ahavuze iki? uburundi bwashaje,basha!
16 Ntwarante 2015, 23:48, par Mr X
Mugabo Pascal Nyabenda reka guhenda abanyagihugu uko siko inama yagenze niho narindi bivuge uko vyagenze , ikindi nuko natwe muri CNDD FDD tuzofasha abandi mukwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Peter nkurunziza nagende , abase abandi ntaco abarushije .
17 Ntwarante 2015, 00:29, par Osias
Nivyo,il faut écarter de loin abo bijajaye bagashaka kujuragiza abarundi na cane cane bagatiza umuhoro umukeba.
17 Ntwarante 2015, 02:06, par uwubizi
Ngo Imana niyo bashira imbere!!!! Aba FNL, Ababikira, abo Rwembe yishe, Manirumva, ubutunzi bw´igihugu bunyonyezwa, isoko yituriye none vyanse gato ngo ihabwe "abashinwa", Etc. Etc. Iyo ni Imana mwashize imbere???
17 Ntwarante 2015, 02:20, par saidi Nduwayezu
Ewe nyabendawe uri Nyabenda koko abagumyabanga ntituri ibijuju dukeneye impinduka mumugambwe
17 Ntwarante 2015, 11:10, par nzobandora
Jewe mbaye nk’abo bandi, nararavye imboneshakure zishika zitatu zose z’aha I Burundi, nabonye Nyabenda yazifatiye avuga un tres long discours, ariko mbura ico yashatse kuvuga. Genda bisa abandi mwa ba dd, murarushe ku mibiri no ku mitima no mu mitwe. Niko bigenda nta vyama hahandi. Mutabaye nka bamwe bahora bakorera onub nobarahira : ehe ukuntu iki gihugu mwagitabaguye mwacononye gushika uyu musi, amazi arakena, ibitoro ni uko, inzara irishe Abarundi, ubutungane mwabuhamvye kera no kubugandukako mwarahejeje, ubukene bwabaye ndanse, ubwicanyi (ivyo ni agahomera bunwa, aho basigaye bagandagura abakenyezi bahiga abagabo babo) !!!! mwaratwaye, mwibagira gutegura kazoza keza, ngo ni mwatwarura muzopfume muvugwa neza ho! nta kundi "umuntu aba ico yigize". Na mwanya muri inkandagira ibitabo, je nzoba ndaba!!!

17 Ntwarante 2015, 11:31, par claire
biraboneka ko ibi ari ukwikurayo, ico cegeranyo ni vide de fond, mwataye umwanya. vuga ivyavuzwe ureke amacenga.
18 Ntwarante 2015, 14:12, par Iyumenya
Nyabenda Pascal we,ubona niyo uvuga ko arivyo watumwe n’umugore wawe ntuvyitirire abagumya banga.Jewe ko nd’umugumyabanga kontigeze ndakubarira ko ngomba Nkurunziza Petero wamvugiye nkandi?Emanga ko ari umugore wawe yabigutumye,sinarinzi ko uri gito bigera musi yibirenge vyawe.
20 Ntwarante 2015, 11:30, par nijipis
nne ga Nyanenda ko muguma mwisamburirako nkimpene muzokizwa nande?je mbona ukwiye kwihana ukazopfa urimwiza ahandi ho ugapfira murico kinyoma uzombabaza.