Accueil > Amagara y’abantu > OMS: Kurwanya malaria vyaragabanutse
 OMS: Kurwanya malaria vyaragabanutse
 OMS: Kurwanya malaria vyaragabanutse
				
				mercredi 19 Kigarama 2012
Ishirahamwe mpuza makungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) riramenyesha yuko inguvu mu kurwanya indwara ya malaria zagabanutse kandi ko intambwe yari amaze guterwa mu myaka iheze muri urwo rwego ishobora gusubira inyuma.
 Nkuko amakuru dukesha   BBC abitumenyesha   , hari   amafaranga   abura mu mugambi wo kugwanya, gupima no kuvura   indwara ya malaria   . Ivyo bikerekanwa   nuko imisegetera itangwa ku mugabane wa Afirika yagabanutse   kugera munsi y’ica   kabiri  y’iyatanzwe  mumyaka   ibiri  iheze.  Ivyo rero   bigatuma   habaho imiriyoni    z’abantu batagishobora kwikingira indwara  ya malaria.
Iryo shami rya ONU ryitaho amagara y’abantu   rivuga ko rikeneye ayandi mafaranga   agera ku miriyaridi   zitatu   kugirango igikorwa co kugwanya iyo ndwara congerwe ingufu zikwiye.
OMS kandi iriko irondera inzira zo kuronka amafaranga , nko kwaka amakori mu buryo bwo guhanahana amafaranga hamwe no kumpapuro z’agaciro
Marie Claire Ingabire
