IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > OMS yatangaje ko Ebola yaheze mu burengero bwa Afrika

OMS yatangaje ko Ebola yaheze mu burengero bwa Afrika

vendredi 15 Nzero 2016

Inyuma y’amasaha make ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi (OMS) rimenyesheje ko ikiza ca Ebola caranduranywe n’imizi muri Afrika,igisata kijejwe amagara y’abantu muri Sierra Leane catangaje ko umuntu umwe yahitanwe n’ico kiza.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS,ribicishije mw’itangazo ryamenyesheje kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Nzero 2016, ko indwara ya Ebola Kuri uyu wa Kane tariki 14 Mutarama 2016, ko indwara ya Ebola yaranduranywe n’imizi mu burengero bw’umugabane wa Afrika,inyuma yo guhitana abantu bashika 15000 kuva mu mwaka wa 2013.

Umuvugizi w’ikigo gishinzwe gupima Ebola muri Sierra Leone Sidi Yahya Tunis yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko bapimye umuntu yapfuye muri iyi ndwi basanga yishwe n’indwara ya Ebola.

Sidi Yahya Tunis yavuze ko uwo muntu yapfiriye ahitwa Tonkolili, akaba yari avuye ahitwa Kambia hegeranye n’urubibe rwa Sierra Leone na Guinea, bikaba vyarateye impungenge ko yoba yaranduje abandi aho yaciye hose.

Inyuma y’urupfu rw’uyu muntu, hatanguye kuronderwa abantu bose bahuye nawe kugira ngo bashirwe ahantu hamwe batarakwiragiza iyo ndwara.

Kuva mu mwaka wa 2013, Ebola yahitanye abarenga 4000 muri Sierra Leone hamwe n’abababa 11000 muri Afrika y’Uburengero.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.