IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > OMS yatanze ibikoresho bizofasha gukinga Ebola mu Burundi

OMS yatanze ibikoresho bizofasha gukinga Ebola mu Burundi

mercredi 15 Gitugutu 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS ryashikirije ibikoresho ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida mu Burundi, bizofasha gukinga no kurwanya ikiza ca Ebola mu gihe co kwibonekeza mu Burundi.

Uwaserukiye ishirahamwe OMS mu Burundi, muganga Jérôme Ndaruhutse, yavuze ko ico gikorwa co gutanga imfashanyo y’ibikoresho, kibaye inyuma y’ukwezi hatanzwe ibindi bikoresho, mu ntumbero yo gushigikira Reta y’Uburundi gutorera umuti impanuka n’ibiza biguma vyibonekeza muri bino bihe. Kubw’iwe, iyo mfashanyo izokora cane cane mu kwitegurira kurwanya indwara y’umugera wa Ebola. Akamenyesha ko ibiro vya OMS mu Burundi bizi neza ko hari vyinshi vyogukorwa. Uwo muganga atera akamo n’abandi bakorana gufasha Reta y’Uburundi mu kurwanya ico kiza ca Ebola. Asaba ko ivyo bikoresho vyokoreshwa neza ku nyungu z’abanyagihugu, mu kubona kare aboba banduye uwo mugera, bagaheza bakabitorera inyishu ibereye.

Umwunganirizi w’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, muganga Cloé Ndayikunda, yashimiye OMS ku mfashanyo yama ironsa ubwo bushikiranganji mu rugamba rwo kurwanya ibiza mu Burundi. Aca asaba abantu bose harimwo n’abafasha Uburundi gushigikira iki igihugu mu kurwanya ico kiza ca Ebola.

Nk’uko muganga Cloé Ndayikunda yabimenyesheje ivyo bikoresho bigizwe n’utwuma 42 two gupima ubushuhe batabanje gukora kumuntu (thermoflash), ivyo kwambara ku maboko 60 (gants), ibirato birinda amazi 60, ibifuka izuru n’umunwa 60, n’ibindi bikoresho vyinshi bazokoresha kwa muganga. Ivyo bikoresho bikazokoreshwa ku mipaka y’injiranamwo ingenzi nyinshi. Hari abo biketseko iyo ndwara hari ibitaro vyagenewe kubakira biri mu gisagara ca Bujumbura. N’ibitaro Prince Régent Charles n’ibitaro vyitiriwe Umwami Khaled, ariho bazoba baratanze ivyo bikoresho.


Nadège

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.