Accueil > Amagara y’abantu > ONU: kwijukira kurya udukoko nk’ibihori vyorwanya inzara kw’isi
 ONU: kwijukira kurya udukoko nk’ibihori vyorwanya inzara kw’isi
 ONU: kwijukira kurya udukoko nk’ibihori vyorwanya inzara kw’isi 
				
				lundi 13 Rusama 2013
Ishami rya ONU riraba uburimyi n’indya FAO rivuga ko abantu miliardi zibiri basanzwe bongereza ivyo barya n’udukoko nk’isenene,ibihori, n’intozi.
Rivuga ko hamwe utwo dukoko twokwororwa tukagwizwa vyofasha kwirinda inzara muri kazoza.
Ico cegeranyo ariko kivuga ko kubona hari abantu tugitera iseseme, na cane cane mu bihugu vya Bulaya, ikiri intambamyi ku kuribwa kw’utwo dukoko.
Ku bw’ico cegeranyo, amavubi, ibivumvuri, n’utundi dukoko nk’utwo gushika ubu ntidukoreshwa bihagije nk’indya z’abantu n’ibintungwa.
Kworora bene utwo dukoko ni imwe mu nzira yo kurwanya inzara nk’uko ico cegeranyo kibivuga. Ico cegereranyo kivuga ko bene utwo dukoko tuba ahantu hose kandi tugwira vuba.
Abanditse ico cegeranyo bavuga ko utwo dukoko turimwo ndemamubiri nyinshi, amavuta hamwe n’ivyunyunyu.
Utwo dukoko dushobora gufasha kandi abana barwaye indwara ziterwa no kurya ibidakwiye. Ikindi ciza kuri utwo dukoko n’uko duhindura vuba ivyo turiye mu nyama.
Ibihori nk’akarorero, bikeneye kurya bike incuro 12 kurusha ivyo kugaburira ibitungwa kugira bitange indemamubira zingana, nk’uko ico cegeranyo kibivuga.
Kandi utwo dukoko twinshi nta myuka isambura igisenge c’isi dushobora gutera nk’ibindi bikoko.
Utwo dukoko hamwe hamwe kw’isi baraturya ariko hari n’abandi batabitahura namba.
Hamwe hamwe mbere bene utwo dukoko ni indya ikudwa cane.
Nko mu bihugu vyo muri Africa y’ubumanuko, ibinyabwoya bimwe bimwe si indya y’uwariwe wese kubera igiciro cavyo
Egide Nduwimana
