IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Petero Nkurunziza yemejwe guserukira umugambwe CNDD-FDD mu matora

Petero Nkurunziza yemejwe guserukira umugambwe CNDD-FDD mu matora

samedi 25 Ndamukiza 2015

Petero Nkurunziza asanzwe arongoye igihugu muri kino gihe niwe yatowe n’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD-FDD ngo azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu azoba kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi umwaka w’2015.

Ikoraniro ryatanguye nk’igihe c’isaha zitatu n’igice,mu ngoro y’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu.Amasengesho,indirimbo ihayagiza igihugu n’iyihayagiza umugambwe CNDD-FDD nivyo vyuguruye iryo koraniro.

Mw’ijambo ry’umukuru w’umugambwe Pascal Nyabenda yashikirije yavuze ko uwo munsi ushitse bari bawurindiranye igishika cinshi,aca avuga ko umugambwe wifashe neza kuva ku nzego zo hasi gushika ku nzego zo hejuru,kandi ko witeguriye guhiganwa mu matora ,ariko aca avuga ko hari abo bagendanye badebukiwe,abo nabo ngo baramaze gufatirwa ibihano.

Pascal Nyabenda yarangije ashimira abanywanyi b’umugambwe,ngo kuko bigenjeje neza mu bihe vy’ibihuha,yongera ashimira abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kuko basavye abarundi bose kwirinda akajagari.

Inama yaciye ibandaniriza mu mwiherero abamenyeshamakuru basohowe.Ariko nk’igihe c’isaha indwi n’igice abamenyeshamakuru baciye basubira kwinjira umukuru w’umugambwe aca arashikiriza k’umugaragaro ko Petero Nkurunziza ariwe yatowe n’abitavye bose guserukira umugambwe mu matora azoba kw’igenekerezo rya 26 ruheshi uno mwaka.

Ahejeje kumenyesha uwuzoserukira umugambwe,yavuze ko umugambwe CNDD-FDD ari umugambwe w’amahoro aca asaba abarundi kwumva ko batekanye,kuko igikorwa bahejeje gukora kidasubiza inyuma igihugu ariko kigiteza imbere.
Umukuru w’umugambwe,umushingamateka Pascal Nyabenda ati:«Twamushize imbere twisunze amategeko y’igihugu amurekurira kwitoza,mu mugambwe naho ,kubera ari umugabo w’ijunja n’ijambo,abagomba kumutsinda rero bazomutsindira mu kazu k’amatora.»

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye ashikiriza ijambo aho yamenyesheje muri make ivyaranze umugambwe kuva ukiri umuhari urwana aca atanga impanuro aho yasavye abarundi bose gukunda igihugu,kwirinda ibihuha,kugira urunani rwo gutsimbataza amahoro n’umutekano,kubana neza n’abandi hamwe no kwitegurira neza amatora.

Petero Nkurunziza yarangije ashimira amakungu kuvya afasha Uburundi aca ayasaba kubandanya gufasha na cane cane muri bino bihe vy’amatora.
Mwomenya ko vyari bitegekanijwe ko iryo koraniro ryitabwa n’abantu 1020,haca hitaba 899 n’ukuvuga ibice birenga 80 kw’ijana,ivyo navyo bikaba bitashbora kubuza ko iryo koraniro riba.

Abaserukira ibihugu vy’Ubushinwa,Uburusiya,Kenya,Afrika y’Epfo n’Ubuganda.Hejuru yabo hari uwaserukiye urunani rw’imigambwe COPA,abaserukiye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike ONELOP Burundi na PISC Burundi.


Aristide Nizigire & Van Naris MUGISHA

Messages

  • ndamukeje nyakubahwa petero nkurunziza barundi tulamushigikiye.

  • Ababishoboye nibatangure guhunga hakili kare kuko ivyahanuwe birashitse amaraso yavuzwe agiywe guseseka

  • Jewe ntaco nvuze kuriyo nkuru yo kwitoza kukiringo kigira gatatu ca Petero nkurunziza ariko uwukiramvye azokwibonera amenyo y’inda.ndavuze ndagiye ariko agasozi kintahanurwa kahiye abagabo babona Imana niyo nkuru.

  • NTAKIBAJEJE NKICO! KK UBURUNDI BURANGWA NO KUDADAZA? MBE NKUBU AMAKUNGU YODUKURAKO AMABOKO TUZOB ABANDE? SOCIETES CIVILES NA OPPOSITIONS NGO ABANT J MWIBARABARA! NKURUNZIZA URAHEMUTS KAND IKIZOBA COSE KIBI UZOKIBAZW VUBA CANE IMBERE YISUMBA VYOSE! MANA, MANAA ,MAANAA TUGIRIR IMBAZI UROKORE UBURUNDI.

  • ndamukeje nyakubahwa petero nkurunziza barundi tulamushigikiye.

  • NDASHIMIYE IMANA KUVY.IHEJEJE GUKORA N.IBISIGAYE IZOBIKORA MBWIRIRA BAMWE BAVUGA KO BAZOCA BAHUNGA TI TEKANA .BAMWE BAHEJEJE KUVUGA KO BAZOZINDUKA MU MABARABARA ATI FATA INZIRA UMUSHINGANTAHE RWASA AGATON YAFASHE. nshimirimana vital IVY,UHAMAGARA ABAJA MUBARABARA NDASAVYE BARUNGIKE ABAPOLISI BARARE BAMURARIRIYE NKEBURA ABARUNDI IBI ARIKAVUGA MU MARADIYO YA RPA MUBIFATE MUBIBIKE IVYARIKO ARAGUMURA AZOBIBAZWE ARATEYISONI YATEVYE ARARIRA YIBUKE WA MUGANI NGO AMASO Y,IBIKERE NTABUZ.ABAVOMA, KWIVOMERA TUZOBIMARIRIRA MU KAZU K.AMATORA

  • MUTAMA KORA UHAQANIRE AMAHORO

  • Aho Imphizi Zibiri Zirwaniy Ubwats Nibwo Buhahonera. Murab Abanyagihug Ntiduhohoterwe.

  • Humura barundi humura kuko petero niwe yavuze ngo uwuzotangura ingwano izoherera munzu iwe uwo nyene ni we ayitanguye niwe izohitana hanyuma abarundi dusigare mumahoro

  • Petero ntasumba HAVYARIMANA yatogwa 100/100 ariko abahutu benewabo baramuturiye apfa adashitse hasi. Uyu Petero nawe benewabo bazomugira nk’uwo navuze hejuru

  • Songa mbele mukandida wacu turagushigikiye.none kwari twe tuzokwihera amajwi nibakureke.

  • Ndamukeje, ndavyishimiye, ekambere murirusangi ndakeje CNDDFDD.

  • Bwabundi Abarundi Ntibakunda Uburundi. Ariko Abanyapolitik Muter Akajagari Mugihugu. Kubita Agatima Mpembero Petero Usubiz Inkota Murwubati Ibara Ritararwa

  • mana nzohora nkwizera kuko isi ntaciza itanga kirenze ugukiza kwawe mana wibuke uburundi bwacu utugirire ikigongwe uduhe amahoro mwizina rya Yesu amen

  • WEWE Wiyitira HAD urigituba c’umukecuru abahutu bo m’umugwanda n ubagererane n abahutu bo mu burundi na kagame arabizi ahirahiye akazana akajagari na we muzokubitwa hamwe muhunge
    igihugu twaracifatiye twavuye kure murahirahira murabe ico tuzobagira twe ni turi abacongo bumva urusase rw’imbunda bagahunga bakomoka
    komera petoro turagushigikiye

  • Iyo batora uwundi haba iki?

  • nkurunziza petero ahejeje gukora ibidakorwa azuye nyen’icubahiro NELSON MADIBA MANDELA na nyen’icubahiro NYERERE JILIUS KAMBARAGE abatama isi yose yubaha nkurunziza ahejeje kwiha akamenyo aharero ikizomushikira cose yacemanze.

  • NDAKEJE PETERO NIBAZE KO ABARI BAFIS,AMAKENGA AAAARAAAHEEZE BURAKEYE TUVYEREKABAGABO YA NDURU YA Nshimirimana ABE AZOTANGURA ABANDI BAKURIKIRE

  • Abatutsi baribazi yuko bafisu ubwenge kuruta abandi bahire hire bakoreko
    babone ukuntu abagabo bazokwifita
    ivyo mwa koreye ndadaye vyatumye abantu bakanura babona kure
    na twa tubanza mwahawe n’amasezerano ya arusha tu giye kubaka
    ni muteze akajagari gusa murabe ukuntu abana b imbonerakure bazobaha indero
    cndd fdd si frodebu
    komera petero

  • Hahaha Reka rero tumutangeko akarorero. N’uwundi ari inyuma yipfuza gutwara Uburundi nakanure amaso yirabire! Ibigiye kuba hano bibere icigwa uwo wese azodutwara mumyaka iri Imbere.

  • MWIGIGWE INYUMA AMARASO NTABATARUKIREKO. Ndababuriye!

  • Iryavuzwe riratashe. Pita Imana ikwakire mubiganza vyayo. Ugiye twagukunda!

  • Qu,est-ce-qu,il est bete, le mec! Mettez vos bretelles car ca va peter. Nous manifesterons pacifiquement et en quelques jours, c,est lui qui voudra negocier; mais ca sera trop tard. Le pire est a venir pour lui. Oubliez les elections!

  • oh bamutoye sawa muzorabe ikizomukurikira ko hari ico ayo matora azovamwo nimukumbure muga senga ahandi turashize rero aho amatora azoca yibwa nkakumwe kwambere hama amasase atere mana abafunzwe bo nibihangane kirahiye amaduga

  • jewe Peter ndamwemera umuntu ategeka igihugu kirimo abantu. babaye.aba prezida.bane ni he byabaye?

  • IVYO BINTU SIVYO ?UKUKO AHO YEREKANYE KO ASUMVYA ABANDI UBUBASHA,ARIKO NAHO BIBAYE REKA TUBITEGE AMASO.

  • Nta kundi Peter twari twavuze bikwiye.

  • Imana imuhezagire murh vyose na hose nayo abavuga ayamuhe nibateshwe bate ntantambara iri mu burundi kuko ubu ntabwoko buronder’ubundi ahubwo abo babivuga nibabandi bamenyereye gukor’amaraso ,1993 bagandaguye ndadaye nubu ngo bosubira? Reka-reka subiza iyo mubikura,mbega uwuhimvye yipfuza kwica? Nagira yokora ivyotezimbere igihugu nabakibamwo.

  • we Burundi waragowe. mana ibuka uburindi nubwawe

  • ewe peter ntitwaritukwase niwewe wiyase kowasekunva imburi ntakundi

  • Vyadushimi Shije Kuba Yemeye Gusubira kwitoza Ariko Ahamagare Abobitavuga Rumwe Baganire Ntibadukwegere Akarambaraye Ngo Haseseke Amaraso Muburund 0k

  • pole sana wanaichi!.hatasisihapa,kambini,ya gasorwe tunawoga sanaa!.ilamtngu yupo tu...

  • pole sana wanaichi!.hatasisihapa,kambini,ya gasorwe tunawoga sanaa!.ilamtngu yupo tu...

  • Barundi murababaje kweli, Nkurunziza aranze akomeje kutumva impanuro? Ejo nimubona hadutse indyane muzavuga ngo zivuye kuki? Baragushutse ngo uvuyeho uBurundi bwasha? Reka rero urebe uko umucanwa ugiye kwaka maze ugasiga abana bawe mu bibazo? Habyarimana mu Rwanda ntaco waba waramwigiyeho? Abahutu we muri ibijuju kuva ku mwana kugera ku musaza, ese ntabwo mubona umutego muriko muragwamo nabawubateze abo aribo? Ngo muriko murategura ihonyabwoko ngaho Peter we genda upfe urwo upfuye nubundi abanyarwanda baravugango "amatwi arimo urupfu ntiyumva" kandi ngo "uruja kwica imbwa ruyiziba amazuru".

  • Imana irakoze, ko umwubahwa PETERO NKURUNZIZA AGIYE KUDUSERUKIRA MUR CNDD-FDD MUMATORA YA 2015, URUNWARUNWA RWARIRWINSHI NIRUHER, CNDD-FDD HORA KUNGOMA.

  • nkurunziza arakwiy ibihano vyose biri kwisi bishoboka kubona abarundi batwarwa na rusizi kubwiye ndaco imana izobimubaza

  • wewe witazira masokubona urigituba c’umukecuru ivya havyarimana mu rwanda ni vya havyarima na kagame arazi neze umuhutu w’umurundi twebwe nituri abakongo bumva urusase bakiruka turabarindiye muvyure agatwe tubamene tubahe nindore
    ivyo uvuga ko abahutu ni bijuju ni mwemere babatware
    mukaramuka muzanye akajagari muzokubitwa nki imbwa ubu twarabahinyuye
    ivyo mwakoreye ndadaye vya tu mye duca ubwenge agiye kubatwara mwemere mu kunda

  • Ariko muragwaye mu mitwe abantu bavuga ngo Peter ntiyagomba kwemera candidature y’ikiringo ca 3. Ahantu Congres yari yatumiwemwo des hauts diplomates bemeje qu’ils sont temoins de la candidature gagnante de Nkurunziza mwumva igisigaye ari igiki vraiment? Nta ntambara izoba mu Burundi yo kwicana hagati y’abanayagihugu kurya kwo mu Rwanda, ntibishoboka. Nimwemere rero abatware iyindi myaka itanu, s’il est encore elu par son Peuple. Oui, la candidature est illegale, mais qui pourrait lui barrer le chemin lorsqu’on dit que igisoda gikugwa n’ikindi et que les militaires et police Cndd-Fdd sont deja derriere Lui. Iyo Societe civile idafise inkoho izomubuza gutegeka gute? Namba ari igisoda ca Uprona kizoyifasha kumukura. Lorsque l’opposition et la Societe civile ainsi que le Clerge catholique ne sont pas capables de faire front commun et se trouver un homme ou une femme de confiance pouvant faire face a Nkurunziza aux elections presidentielles, je ne vois pas comment ils persisteraient a dire que Nkurunziza, presente par son parti du moins abiwe, ne profiterait pas cette faiblesse/faille pour se representer encore. Nimutange umu candidat canke aba candidats banyu duheze turabe ikivamwo si vous n’etes pas capable de l’affronter autrement....

  • Ugutwi kwimpene kwunvira munkono .nikumugira nka kaddaf mbega yibaza ko uburundi ari zimbabwe????????????

  • Ugutwi kwimpene kwunvira munkono .nikumugira nka kaddaf mbega yibaza ko uburundi ari zimbabwe????????????

  • Ivyishimo kubagumyabanga twese ba CNDD- FDD tuve hasi dutuze abo bose bashaka kuducanishamwo, pierre Nkurunziza turamwemeje kumushingantahe atanyezwanyiza , ko abe ariwe azoduserukira mumatora . Desenge dukora, dukora dusenga.

  • Reka turabe iyo bizoherera.

  • @ Didier,
    burya uricara ukibaza ugasanga Igisoda caracanzwe, Police yaracanzwe, instinzi yaragezweho kuburyo abagabo baraho bakwiye kwikubita mubikiriza ukuraho??
    Jewe ndacabigereranya na ya Independence baduha mumyaka ya1950

  • yakoze vyiza kwer ntakibazo niyiyonger

  • ntavyonshimye kand n’imana ntavyishimye kugribereke kwitabishimye muzobibonimbere,ukomwikunda mukundenabandi ntawuzomarimyakijana

  • ntavyonshimye kand n’imana ntavyishimye kugribereke kwitabishimye muzobibonimbere,ukomwikunda mukundenabandi ntawuzomarimyakijana

  • IRYAVUZE RIRATASHE ABARUNDI TURISHUBIJE UMUTAMANA KWELI.IMBERE NI HEZA CANE...REKA DUKORE

  • Singaye sinshimye nuko bari gutora n’uwund kuko bose bashaka kuko niho amahor yoramye ubon uburund tutazohav dusubra mumwong nyamba tuzoharonka nibubahiz amategek nkuk bayize bahengamye

  • Umaze kuba bisura na binywa ntuba ugikenewe no guhagrara imbere yabantu ngubarogore

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.