Accueil > Poritike > Imigambwe > RANAC : Zimwe mu mpapuro zisabwa abazitoza ziragoye kuronka
RANAC : Zimwe mu mpapuro zisabwa abazitoza ziragoye kuronka
lundi 30 Ntwarante 2015
Inyuma y’aho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahamagariye abarundi mu matora yo muri uwu mwaka w’2015, bamwe mu banyamigambwe bavuga ko hari zimwe mu mpapuro basabwa zidakenewe.
François Bizimana umuvugizi w’umugambwe FNL wigenga, akaba n’umuvugizi w’urunani RANAC Dushayuruburundi, avuga ko zimwe mu mpapuro zisabwa mu matora zitari zikenewe, ahubwo zari zikenewe kubazoba bamaze gutorwa. Umushingamateka Bizimana, atanga nk’akarorero aho hari ibisabwa nka Bonne conduite, vie et mœurs, urupapuro rwitwa Aptitude physique hamwe na extrait du Casier judiciaire zosabwa abazoba batowe.
Aha rero abo bari mu migambwe itavuga rumwe na CNDD FDD, bakavuga ko zimwe muri izo nkaratasi zisabirwa mu gisagara ca Bujumbura gusa nka extrait du Casier Judiciaire, vyumvikana ko abanyagihugu bazova mu gihugu hagati bazoza kuzironderera i Bujumbura, ibishobora kubatwara umwanya muremure atarwo bararonka.
Amatora rero ya mbere akaba azotangura kuri uyu wa 26 Rusama, ayo nayo azoba ari ayabashingamateka hamwe n’abahanuzi b’amakomine; intondo z’abazitoza zikaba zitangura gushika kuri uyu wa 30 Ntwarante, gushika ku wa 8 Ndamukiza uwu mwaka.
Aristide Nizigire
Messages
31 Ntwarante 2015, 16:45, par ndihokubwayo
ahubwo nimushake ibisabwa hakirikare muve mumagambo, none ugira tusisange twatoye umuntu yamaze abantu,ufata abagore kunguvu,unywa urumogi,yafunzwe azira kurya ruswa???