IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > RANAC : Zimwe mu mpapuro zisabwa abazitoza ziragoye kuronka

RANAC : Zimwe mu mpapuro zisabwa abazitoza ziragoye kuronka

lundi 30 Ntwarante 2015

Inyuma y’aho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahamagariye abarundi mu matora yo muri uwu mwaka w’2015, bamwe mu banyamigambwe bavuga ko hari zimwe mu mpapuro basabwa zidakenewe.

François Bizimana umuvugizi w’umugambwe FNL wigenga, akaba n’umuvugizi w’urunani RANAC Dushayuruburundi, avuga ko zimwe mu mpapuro zisabwa mu matora zitari zikenewe, ahubwo zari zikenewe kubazoba bamaze gutorwa. Umushingamateka Bizimana, atanga nk’akarorero aho hari ibisabwa nka Bonne conduite, vie et mœurs, urupapuro rwitwa Aptitude physique hamwe na extrait du Casier judiciaire zosabwa abazoba batowe.

Aha rero abo bari mu migambwe itavuga rumwe na CNDD FDD, bakavuga ko zimwe muri izo nkaratasi zisabirwa mu gisagara ca Bujumbura gusa nka extrait du Casier Judiciaire, vyumvikana ko abanyagihugu bazova mu gihugu hagati bazoza kuzironderera i Bujumbura, ibishobora kubatwara umwanya muremure atarwo bararonka.

Amatora rero ya mbere akaba azotangura kuri uyu wa 26 Rusama, ayo nayo azoba ari ayabashingamateka hamwe n’abahanuzi b’amakomine; intondo z’abazitoza zikaba zitangura gushika kuri uyu wa 30 Ntwarante, gushika ku wa 8 Ndamukiza uwu mwaka.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.