Accueil > Amagara y’abantu > Ruyigi : Umunyeshure yataye umwana wiwe yibarutse mu kazu ka (...)
 Ruyigi : Umunyeshure yataye umwana wiwe yibarutse  mu kazu  ka surwumwe
 Ruyigi : Umunyeshure yataye umwana wiwe yibarutse  mu kazu  ka surwumwe
				
				lundi 21 Nzero 2013
Nimwumve namwe ako kamaramaza ahabandi barira bipfuza ko Imana yobaha bagaheka hari abandi bihekura. Inda z’ishushu zabaye ndanse. Igipolisi naco kirabarembeje kibafata
Mugatondo ko kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 nzero 2013 hari umunyeshure wo kwishure rito rya Rugozi muri commune ya Butezi mu ntara ya RUYIGI yataye mukazu ka surwumwe akana yari ahejeje kwibaruka.
Uwo mwigeme hamwe n’uwamutwaje inda baciye bashirwa mugasho k’igipolisi.
Sylvere Bavumiragira
