Accueil > Amagara y’abantu > Rwanda : Amakuru y’uko Ebola yahashitse yabeshujwe
 Rwanda : Amakuru y’uko Ebola yahashitse yabeshujwe
 Rwanda : Amakuru y’uko Ebola yahashitse yabeshujwe
				
				vendredi 8 Myandagaro 2014
Reta y’Urwanda yabeshuje ibihuha bivuga ko ku kibuga c’indege c’i Kigali mu Rwanda hoba hibonekeje abantu barwaye indwara ya Ebola.
Nk’uko tubikura mu kinyamakuru Xhinua, umushikiranganji w’Urwanda ajejwe amagara y’abantu, Agnès Binagwaho yabeshuje ibihuha biriko bivuga ko indwara ya Ebola yamaze kwibonekeza muri ico gihugu. Uwo mushikiranganji amenyesha ko ata muntu n’umwe aribonekeza arwaye iyo ndwara mu gihugu c’Urwanda, nk’uko bamwe bariko babivuga ko yoba yibonekeje ku kibuga c’indege c’i Kigali.
Ubwo bushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaciye bumenyesha ko mu gihe hokwibonekeza ico kiza, abanyagihugu ntibazoteba kubimenyeshwa. Umushikiranganji Agnès Binagwaho avuga ko ubushikiranganji arongoye buriko bukurikiranira hafi ico kibazo, mbere n’ingingo zose zishoboboka zo gukinga, zaramazwe gufatwa, harimwo guhimiriza ingenzi, abakorera ku mipaka, abakozi bo ku bibuga vy’indege, hamwe n’inyigisho zo guhimiriza abanyagihugu muri rusangi kugira bikingire ico kiza, ibimenyetso vyaco hamwe n’ukwigishwa ingene candukira, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ubwo bushikiranganji.
Iryo tangazo rivuga ko abakozi bajejwe amagara y’abantu bamaze guhabwa inyigisho kandi ko barikanuye, kugira hamwe ico kiza ca Ebola cokwibonekeza, bashobore gukinga ibara ritaragwa.
Tubamenyeshe ko abantu bagera ku 932 aribo bamaze guhitanwa n’ico kiza c’indwara ya Ebola muri Afrika y’uburengero, nk’uko vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba amagara y’abantu OMS. Mu gihe ico kiza kigisibije mu bihugu vya Afrika, n’abarundi bafise ubwoba ko gishobora kubatera nabo. Mu kiganiro ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida bwatanze ku munsi wa kabiri, muganga Thadée Nsabimana yamenyesheje ko haza hariho umurwi w’abaganga bahawe inyigisho bashobora gufasha mu gihe ico kiza cokwibonekeza. Muri ubwo bushikiranganji bamenyesha ko n’ingingo zose zo gukinga iyo ndwara zamaze gufatwa.
Floxella Karire

Messages
8 Myandagaro 2014, 11:49, par ejoniheza.
nibazitire tutaronerwa kuko gishitse murwanda ntakabuza niburundi turashikirwa.