Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Rwanda : Uwiketsweko ebola basanze akomeye
 Rwanda : Uwiketsweko ebola basanze akomeye
 Rwanda : Uwiketsweko ebola basanze akomeye
				
				mercredi 13 Myandagaro 2014
Umugabo wo mu gihugu c’Urwanda yari yaketsweko kuba yari arwaye indwara ya ebola amatohoza yamugizweko, yasanze ico kiza ataco arwaye.
Ibipimo uyo munyagihugu wo mu Rwanda yagizweko, bikaba vyari vyarungitswe mu gihugu c’Ubuganda, aho vyariko birasuzumwamwo umugera w’ico kiza c’indwara kimaze iminsi gitikiza iganda mu bihugu biri muri Afrika y’Uburengero. Uwo munyagihugu yari yiketsweko iyo ndwara ya ebola mu Rwanda, akaba yaciye ataha, inyuma yaho yari yashizwe ahantu hiherereye co kimwe n’abaganga bari bahuye nawe imbere y’uko basanze afise umuriro mwinshi mu bipimo yagizweko.
Mwomenya ko uyo mugabo bamwiketse ko yoba afise umugera w’ikiza ca ebola, inyuma yaho ibipimo vyamugizweko bari basanze afise ubushuhe budasanzwe. Ubushuhe nabwo bw’umurengera, kikaba ari kimwe mu bimenyetso biranga indwara ya ebola. Mu gihugu c’Urwanda co kimwe no mu bihugu bibanyi, abanyagihugu baho bakaba biruhukije, kuko ubwoba bwari bwabatekeye, bumvise ko ico kiza ca ebola coba gishitse mu karere k’Afrika y’Ubuseruko.
Aristide Nizigire
