IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > SYNAPA : Reta yokora ibishoboka vyose ikibazo c’ubukene bw’amaraso (...)

SYNAPA : Reta yokora ibishoboka vyose ikibazo c’ubukene bw’amaraso kigatorerwa inyishu

lundi 25 Myandagaro 2014

Muri sendika (SYNAPA : Syndicat National du personnel Paramédical et aides Soignants) basaba Reta ko yokwonegereza amafaranga ikigo CNTS kijejwe gutororokanya amaraso gikoresha, kugira ikibazo c’ikena ry’amaraso kimaze iminsi gihitana ubuzima bw’abarwayi ntigisubire kwibonekeza mu bitaro bitandukanye vyo mu gihugu.

Ubukene bw’amaraso buturutse kw’ibura ry’utumwanya bayatekeramwo bwatumye abarwayi babiri, umwe wo muri komine Nyabihanga iri mu ntara ya Mwaro, hamwe n’uwundi wo ku bitaro i Ngozi bitaba Imana. Muri SYNAPA (Syndicat National du personnel Paramédical et aides Soignants) basaba ko hokorwa amatohoza kugira ivyatumye abo barwayi babiri bitaba Imana bimenyekane, n’ababifisemwo uruhara bashobore guhanwa, imiryango yabo nayo ihabwe indishi y’akababaro. Reta nayo yokora ibishoboka vyose, kugira ico kibazo gitorerwe inyishu, bishoboka Reta yokwongereza amafaranga ikigo CNTS (Centre National de Transfusion Sanguine) gikoresha, kugira amaraso mu bubiko bw’ico kigo ntasubire kubura bivuye ku kubura utumwanya atekerwamwo, canke ibindi. Kugira umwaka w’2014 uzoshobore guhera ico kibazo kidasubiriye kwibonekeza, utumwanya ibihumbi cumi na bitandatu (16000 poches de sang) twotegekanwa, ikigo CAMEBU naco kijejwe gushingura imiti kikama gikurikiranira hafi ko utwotumwanya tutarahera, kugira ibitaro vyose bishobore kuturonka bitagoranye.

JPEG - 31.2 ko
Mélance Hakizimana, umukuru wa sendika SYNAPA (Syndicat National du personnel Paramédical et aides Soignants)

Nk’uko vyashikirijwe na Mélance Hakizimana, arongoye sendika SYNAPA, hoshirwaho kandi ikigega kigashirwamwo amafaranga ikigo CNTS coza kirikorako mu gihe ayo basanzwe bakoresha yaheze, canke batarayaronswa yose.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.