IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > u Burundi buzokwakira ihayanishwa ry’utugenegene

u Burundi buzokwakira ihayanishwa ry’utugenegene

jeudi 29 Munyonyo 2012

Abanyamyuga bo muri Afirika y’ubuseruko bazoba bari i Bujumbura kuva italike 2 Kigarma gushika ku 9 uko kwezi nyene mu mahiganwa y’ivyo bahingura

Iryo higanwa rizohuza abanyamyuga bashika ku majana indwi(700) bava mu bihugu bitanu bigize umuryango wa Afirika y’ubuseruko arivyo Kenya, Tnzaniya, Ouganda , u Rwanda n’u Burundi.

Ibisata bizoserukirwa ni ababaji, abajisha inkoko, ibisimbo canke ibiseke, abakora ibijanye n’ugushushanya bakoresheje ibiti n’amarangi, abahingura ibinyobwa n’imfungurwa, abashonyi n’abandi. Ibihugu vyose bigize Afirika y’ubuseruko vyaramaze kwemeza ko bizorungika abanyamyuga bazoza kubiserukira.Igihugu c’u Rwanda nk’akarorero kizorungika abagera kuri mirongo itandatu(60).

Nk’uko bimenyeshwa na Bonaventure Ngendakuriyo, umuyobozi mukuru w’imyuga mu Burundi ngw’iryo higanwa rizoha akaryo abanyamyuga bo mu bihugu vyose vya Afirika y’ubuseruko ko kwerekana ivyo bakora batarinze kuriha amakori n’amatagisi ku mbibe z’ibihugu bazocamwo imbere y’ugushika mu Burundi. Ikindi naco ngo abanyamyuga bazohanahana ubumenyi muvyo bahingura.

Mw’ishirahamwe ry’abanyamyuga b’abarundi naho barashima kubona iryo higanwa rije kubera mu Burundi na rirya ari irya mbere ribereye ku butaka bw’u Burundi. Jumapili Radjabu arongoye ishirahamwe ry’abanyamyuga b’abarundi amenyesha ko yiteze ibintu bikomeye muriryo higanwa. Mu vyo arindiriye harimwo ukunguka ubwenge ku ruhande rw’abagira utugenegene mu Burundi, ugutangura imigenderanire hagati y’abanyamyuga b’abarundi n’abandi muri Afirika y’ubuseruko hamwe n’ukuronka akaryo ko kwerekana ivyo barangura gutyo abaguzi nabo babonereho kuzohora bamenya aho barondera ico bifuza.

Iryo higanwa rizobera mu kigo ndangakaranga citwa Musée vivant c’i Bujumbura. Aho hantu hasanzwe hamenyereye kwakira amahiganwa n’amahanishwa bene ayo, ubu hariko harasubirwamwo hashirwa amatara n’amazi bihagije kugira ibintu vyose bizogende neza.


Eloge Willy Kaneza

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.