Accueil > Ubuhinga bwa none > Ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru bugiye gutezwa imbere
 Ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru bugiye gutezwa imbere
 Ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru bugiye gutezwa imbere
				
				jeudi 4 Mukakaro 2013
Kwemeza imigambi nyamukuru mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wa Leta wo guteza imbere ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru (PNDTIC), niyo yari intumbero nshimikiro m’uruganda rwari rwatunganijwe n’ubushikiranganji bujejejwe itumatumanako amakuru n’imigenderanire hamwe n’inamanshingamateka, kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 3 Mukakaro 2013.
Mw’ijambo ryiwe ry’uwo munsi yashikirije, Leocadie Nihazi, umushikiranganji w’itumatumanako amakuru n’imigenderanire hamwe n’inamanshingamateka, yamenyesheje ko benshi muri twebwe turacibaza ko gukoresha ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru bigenewe gusa abavyigiye, abahinga n’ababinonosoye. Akenshi ubwo buhinga tubukoresha ukutarikwo kandi bwari bugenewe gukoreshwa kugira bworohereze ibikorwa vyacu vya minsi yose, bwongere bunagabanye n’umwanya wagenewe igikorwa twari kumara turiko turakora.
Kubwa Fidele Kandikandi, umuhinga mw’itumatumanako amakuru, imigambi nyamukuru yafashwe kugira iteze imbere ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru n’uburyo Leta izokora, ni gushiraho uburyo bwo gutunganya ibikorwa vya Leta buzoyishoboza gukurikirana impane zose, uburyo bwo gushira mu ngiro ibikorwa bitandukanye, bihwanye n’ibikorwa bitegerezwa gukorwa vy’ubushikiranganji bwose. Ubwo buhinga buzokworohereza mu kurungika canke mukuronka ubutumwa no gukurikiranira hafi ibikorwa vyakorewe ahabona. Kandikandi akaba yamenyesheje ko ubu bahejeje kwemeza uwo mugambi.
Aho bageze ubu, nuko bahagaritse ivyankenerwa bitandukanye. Bizosaba rero kugeregeza gukora kushirwaho ry’uburyo bw’amafaranga akwiye kugira bashire mu ngiro uwo mugambi.
Ariko, n’umugambi umwe mu migambi nyamukuru isanzwe ihari. « Turafise imigambi y’inyubakwa itegerezwa nayo gukurikirana, ari naho hamaze kuboneka ibimaze gukorwa, nko kwubaka ahazoca intsinga zizotuma itumatumanako amakuru rinyaruka, izo nazo zikaba zitegekanijwe guca mu ntara zose n’amakomine ». Inyuma y’ivyo, bizosabwa gutegekenya uburyo n’ingene vyokora kugira buzofashe ibisata vyo m’ubushikiranganji butandukanye ingene bizokora.
Mariella Bukuru
