IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Uburundi bwashizwe mu bihugu vya mbere birwanya indwara y’ubukangwe

Uburundi bwashizwe mu bihugu vya mbere birwanya indwara y’ubukangwe

mercredi 23 Mukakaro 2014

Naho ibihugu vyo muri Afrika yo hagati bikigeramiwe n’indwara y’ubukangwe yo ku rugezo rwo hejuru (Type 1), aho abagera ku bice 61 kw’ijana aribo bamaze gufatwa nayo, Uburundi bwarateye intambwe mu kuyigwanya biboneka.

Nkuko vyashikirijwe na muganga Babacar Dramé aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu mu Burundi, kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 21 Mukakaro 2014, Afrika yo hagati na cane cane igihugu ca Cameroun na Equatoriale biracageramiwe n’indwara y’ubukangwe.
Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ibikorwa vy’urwego rw’ighugu vyo kurwanya indwara y’ubukangwe muri Afrika yo hagati, muganga Babacar Drame yamenyesheje ko hakenewe ko hafatwa ingingo zihutirwa zikurikirana umugera utera ubukangwe hamwe no gutanguza incanco ziwuhagarika.

Mu matohoza yakozwe ku ndwara y’ubukangwe kw’isi yose, ibice bigera kuri 36 kw’ijana ni abamaze gufatwa nayo, ibihugu 13 muri vyo akaba ari ivyo muri Afrika yo hagati. Naho biri uko, ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS ryashimiye igihugu c’Uburundi ku ntambwe bumaze kugerako mu kurwanya indwara y’ubukangwe bubicishije mu ncanco no gukurikiranira hafi uwo wese afashwe niyo ndwara.

Muganga Denis Nizigiyimana, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, akaba yamenyesheje ku ruhande rwa Reta y’Uburundi ko naho igikorwa c’urucanco rwo gukinga indwara y’ubukangwe mu Burundi kigeze ku rwego rushimishije rwo ku bice 98 kw’ijana, abarundi ntibakwiye guca baryama umukondorazosi. Bakwiye kurushirizaho kurwanya iyo ndwara mu kwifatanya n’ibindi bihugu vyo kw’isi mu mugambi wo kuyirwanya burundu bitarenze umwaka w’2015. Akaba yahamagariye ibihugu vyose vyo kw’isi gukurikiza akarorero k’igihugu c’Ubuhindi kimaze imyaka irenga kuri ibiri indwara y’ubukangwe itakivurwaho.

Mwokwibuka ko ubukangwe ari indwara itera ubumuga ikaba iterwa n’umugera ikanandukira mu gihe idakingiwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.