Accueil > Amagara y’abantu > Uburyo bushasha bwo gusuzuma kansere
 Uburyo bushasha bwo gusuzuma kansere
 Uburyo bushasha bwo gusuzuma kansere
				
				lundi 3 Ruheshi 2013
Gusuzuma indwara ya kansere y’inkondo y’umura hakoreshejwe vinegere (vinegar/vinaigre) ni uburyo buzimbutse kandi bworoshe bushobora kugabanya igitigiri c’abahitanwa n’iyi ndwara gushika kuca gatatu.
Ubwo buryo bushobora gukoreshwa cane mu bihugu biri mu nzira y’amajambere aho abagore n’abakobwa baharurwa mu bihumbi bahitanwa n’iyo ndwara bitari ngombwa iyo basuzumwa hatararengerana.
Mu gusuzuma iyo ndwara, vinegere ivangwa n’uduce tw’ururenda tuvanwa mu mura maze ikerekana uturemangingo turwaye.
Iryo suzuma rishobora gukorwa hatisunzwe ibikoresho vyo muri laboratoire kandi n’inyishu ziboneka mu minota mike.
Gusuzuma kansere y’inkondo y’umura hakoreshejwe vinegere vy’umurwi w’abashakashatsi bo mu bitaro vyo mu gisagara ca Mumbai mu Buhindi.
Ubwo buryo bushasha buriko burigwa ku buryo bunonosoye n’abari mu nama ku ndwara ya kanseri ibera mu gisagara ca Chicago muri Leta zunze ubumwe za Amerika.
Twobamenyesha ko hari n’ubundi buryo bwo gusuzuma kansere y’inkondo y’umura ariko bwo burazimvye cane kandi busaba n’ubuhinga bugezweko.
Dorine Irambona
