Accueil > Imibano > Urukundo > Uburyo bwo kwikundisha umukobwa muyaze ubwa mbere
 Uburyo bwo kwikundisha umukobwa muyaze ubwa mbere
 Uburyo bwo kwikundisha umukobwa muyaze ubwa mbere
				
				jeudi 4 Ndamukiza 2013
Urukundo ni ukwiyumvanamwo kwa babiri. Abantu benshi baribaza uwutangura imbere y’uwundi. Muri make, nta n’umwe ntabanduka akwiye gutangura uwundi kuko bivana n’uwo ibishobisho vyabanye vyinshi ubwa mbere.
Mbega birashika umuntu ubonye rimwe ukumukunda? Bishitse ugakunda umukobwa, wokora iki kugira nawe akwiyumvemwo akubonye ubwa mbere? Turabashikiriza ubuhinga ngenderwako bukuru bukuru:
Kumwitaho, ntugume umutera inkuru zerekeye ubuzima bwawe gusa
Abahungu benshi bararuhisha abakobwa mukubatera inkuru zidakenewe kandi ubwabo bari bashaka uwubitaho mu gushaka kumenya udukuru twabo, ivyo bakunda,...
Gutera inkuru zikenewe zitari ubuzima wabanyemwo n’abandi bakobwa
Abakobwa baba bakeneye ikiyago c’umuhungu agaragaza ko afise imigambi itumbereye
Kutibagira kumutekerera akajambo kamuhimbara, ivyo bigatuma asigara
 arakwiyumvira naho mwoba mwavanye
Utwo tujambo ni nka: nashimye ikiyago twagiraniye, uganira neza, ivyiyumviro vyawe biratomoye, abantu muganira imisi yose barahiriwe,...
Hageze ko muvana, mu kumusaba nimero ya terefone, ntumwereke ko uyihahamiye cane. Umwereka ko yoyiguha mu gihe nawe nyene yobona bikenewe.
Aho womubwira uti: mbega urazi ko ata nimero ya terefone twahanye? Canke uti: Harya wewe ufise terefone nimero zingahe?
Mwateguye gusohokana nawe ubwa mbere, mureke abe ari we atangura gusaba ivyo afata kugira ntahave agira isoni
Kandi ntufate ibinyobwa vyinshi adahava yiyumvira ko uri impabe.
Muriko muraganira, hindura kenshi ivyiyumviro ntahave arambirwa kare, aheze agusezera yitahire
Inkuru aguteye zihe agaciro ntahave yiyumvira ko uriko uramwinuba. Bikenewe naho mubaze n’ibibazo kugira abone ko wamukurikiye kuva mu ntango.
Ubonye atanguye kunezerwa n’ikiyago cawe, ibirori bitanguye kuryoha, musezere umubwire ko umwanya wari ufise waheze. Ugiye yaragikeneye ko mugumana, ntibuzoca kabiri atakurondeye, aho rero uca ubona ko wotera intambwe nyamukuru, ukamubwira ko umukunda
Egide Nduwimana

Messages
15 Nzero 2016, 23:31, par CHAY LOLES
nukuri turashimye kumpanuro muduha jewe kubwanje umengo mbonye ko ikiyago gitanguye kuryoha noca ngumaho tukabandanya tuyaga uciye ugenda haraho woba umutesheje iciyunviro yobagir akubarire mufashe nkikinyobwa na ndunvako wotegerezwa kwitonda myene atagenda akuvuga kunwa cane murakoze
15 Nzero 2016, 23:33, par CHAY LOLES
nukuri turashimye kumpanuro muduha jewe kubwanje umengo mbonye ko ikiyago gitanguye kuryoha noca ngumaho tukabandanya tuyaga uciye ugenda haraho woba umutesheje iciyunviro yobagir akubarire mufashe nkikinyobwa na ndunvako wotegerezwa kwitonda myene atagenda akuvuga kunwa cane murakoze
27 Ruheshi 2016, 11:55, par Iddy Minani
Izo Mpanuro Nizo, Ariko Abakobwa Bose Boba Bameze Cokimwe?
27 Ruheshi 2016, 11:56, par Iddy Minani
Izo Mpanuro Nizo, Ariko Abakobwa Bose Boba Bameze Cokimwe?
28 Ruheshi 2016, 20:26, par Niyonkuru Lambert
Iyo Umukobwa Mukundanye Burya keshi Ntashaka Ko Umuyagira Inkuru Ziterekeye Urukundo Keshi Aca Aguseseza Ngo Ntamwanya Afise
28 Ruheshi 2016, 20:28, par Niyonkuru Lambert
Iyo Umukobwa Mukundanye Burya keshi Ntashaka Ko Umuyagira Inkuru Ziterekeye Urukundo Keshi Aca Aguseseza Ngo Ntamwanya Afise
28 Myandagaro 2016, 18:45, par Nzoyihaya
None Harya Umubariye Muze Guhura Agaca Avuga At Ntamwanya Mfise Aba Ashatse Kuvuga Gute?
28 Myandagaro 2016, 18:53, par Nzoyihaya Pacifique
None Haya Umukobwa Umubwira Muze Kubonana Akavuga Ngo Ntamwanya Afise Aba Ashatse Kuvuga Gute?
30 Gitugutu 2016, 13:21, par Epimac
ntimubeshe kweri
nivyo?
12 Ruhuhuma 2017, 21:35, par Désiré
None Akubwiye Ko Akundana N,uwundi Bisigura Iki?
1er Ntwarante 2017, 21:28, par Célestin
Amajambo Ukoresh Muvugan Ubwamber Mugani Waganir Bisanzw.
20 Mukakaro 2017, 16:23, par clovis
twongere kabsa
18 Ndamukiza 2018, 20:05, par alain
Ntimuduhend Nn Harya Ubaz Umukobw Akakubwir Ntamwany Afis Nah?
30 Rusama 2018, 20:23, par SHEMEZIMANA
Fata inging kur ivy mwavuz nanje ndabishimye kuko bensh biradufata merbi.
26 Myandagaro 2018, 13:37, par Nzoyisaba agnes
ni gut wamenya ko umuhungu mukundana byukuri?
28 Myandagaro 2018, 21:35, par CHRIS RACK JASMIN
murakoze kuduha inama kizogigizo kabisa murakoze