IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Kuryama bambaye ubusa ni kimwe mu bitanga umunezero ku bubakanye

Kuryama bambaye ubusa ni kimwe mu bitanga umunezero ku bubakanye

jeudi 6 Munyonyo 2014

Ubushakashatsi bwerekanye ko kuryama bambaye ubusa ari ibanga ry’umunezero mu bubakanye, kuko bigira uruhara rukomeye mu kwisanzurana kwabo naho batobikora babishaka.

Abakoze ubwo bushakashatsi bakabaza abubakanye bo mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi ku bintu bibanezereza mu buzima bwabo bwa minsi yose nk’abubakanye. Abenshi ico bahurijeko ni ukuryamana uko baremwe (bisigura kuryama bambaye ubusa).

Amakuru atangazwa n’ikinyamakuru Daily Mail avuga ko hari ibanga rikoreshwa n’imiryango ifise umunezero. Iryo banga rigizwe n’utuntu duto duto umwe mu bubakanye akorera mugenzi we, nko gusohokana bakaja ahantu runaka, gutemberana agatoki ku kandi, gusomana n’ibindi.

Pepper Schwartz n’urunani arongoye, bo muri Kaminuza ya Washington muri Reta zunze Ubumwe z’Amerika, bagaragaje ko ibice 44 kw’ijana vy’abagabo na 29 vy’abagore bitiyumvamwo urukundo.

Kugira abubakanye bishimane basabwa gukora utuntu duto duto, aho abagore bagera ku bice 34 kw’ijana babajijwe bavuze ko bashimishwa no kuryama bambaye ubusa. Mu gihe abagabo bagera ku bice 38 kw’ijana nabo bavuze ko bibashimisha ndetse bikabatuma bashaka no gukora imibonano mpuzabitsina, nk’imwe mu nkingi zikomeye abubakanye baba bategerezwa kwuzurizanya.

Banavuze kandi ko gusomana, navyo bigira uruhara runini mu kuzanira abubakanye umunezero, ariko kandi ntibikorwe hagiye kubaho imibonano mpuzabitsina gusa.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.