IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Uhomba ururimi rw’amavukiro ukaba wihomvye

Uhomba ururimi rw’amavukiro ukaba wihomvye

samedi 29 Ruheshi 2013

Mu gihe abahinga bemeza ko ururimi rw’ikirundi ruriko rurazimangana mu Burundi bisunze ukwo ubu abarundi bamwe bamwe basigaye baterwa isoni n’ukuvuga ikirundi, abandi nabo bakakivanga n’izindi ndimi, ishirahamwe FO.CO.DE ryarateguye ikiganiro aho umuhinga mu rurimi rw’ikirundi Patiri Adiriyano Ntabona yashikirije akamaro ku kumenya ururimi n’ugushigikira akarantga n’imico y’abarundi.

Icivugo cari: ‘’Uhomba ururimi rw’amavukiro ukaba wihomvye .” Muri ico kiganiro cari citabwe n’abantu batari bake, abanyeshure bo muri za kaminuza zitandukanye, bamwe mu bigisha ba za kaminuza, hamwe n’abandi bantu batandukanye. Umukuru w’ishirahamwe FO.CO.DE Pacifique Nininahazwe yamenyesheje ko hari amakenga adasanzwe ko ururimi rw’ikirundi ruriko ruragenda akagirire, aravye amajambo amwe amwe akoreshwa n’abanyagihugu, aho hari bamwe bavuga ikirundi kivanze n’igifaransa, abandi bakakivanga n’igiswahili. Avuga ko ndetse hariho n’abategetsi batandukanye bavanga indimi mu majambo bashikiriza, aho usanga mu Kirundi bavangamwo n’igifaransa ahandi n’aho bakakivanga n’igiswahili.

Amenyesha ko haba mu nama nshingamateka, nkenguzamateka no mu mashirahamwe yigenga hose ibintu vyamaze gucangatirana , aho umuntu atagishobora gushikiriza ijambo mu rurimi rumwe, ari mpaka avange. Ahandi atanga akarorero, ni mumashengero, aho ijambo risomwa mu Kirundi maze rigasigurwa mu Kinyarwanda canke mu giswahili.

Pacifique Nininahazwe amenyesha ko ishirahamwe FO.CO.DE ryiyamiriza ihonyangwa na ntaryo ry’ingingo ya gatanu y’ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi, ishira imbere ururi rw’ikirundi mu burongozi bw’igihugu, ikanategeka ko amategeko yose aba mu rurimi rw’ikirundi. Ariko naho biri ukwo, Nininahazwe avuga ko inama nshingamateka na nkenguzamateka zama zitora amategeko ari mu rurimi rw’igifaransa.

Ku bw’uwashikirije ikiganiro c’uyo munsi, nyakubahwa Patiri Ntabona Adiriyano, yabanje gusigurira abari ngaho icivugo c’uyo munsi. Patiri Ntabona yasiguye ko uguhomba, ari ugutanga vyinshi ukaronka bike, mu nyuma ugatakaza ivyo wari ufise vyose, mu nyuma ugatekera ukagenda, ugasigara ataco ufise. Ukwihomba nakwo, Patiri Ntabona akugereranya n’ugushahuka. Avuga ko wihomba wewe nyene, ugata ubugabo bwahora buguha kwihagararako, ndetse ugasanga usigaye witera isoni wewe nyene. Patiri Adiriyano Ntabona ahanura abantu bamwe bamwe ko ugutera imbere atari ukwibagira ururimi rw’amavukiro, atari ukwibagira akaranga, ahubwo nyabuna ko atamuntu yari akwiriye kwigira umunyamahanga mu gihugu ciwe, mu gihugu yavukiyemwo.

Asaba abarundi gukoresha ubwenge bafise mu kwiyumvira amajambo y’ikirundi bakwiye gukoresha, aho gufatwa n’ubunebwe bakitiza amajambo y’igifaransa mu rurimi rw’ikirundi. Abari bitavye ico kiganiro barabajije ibibazo bitari bike bifatiye kw’itituka ry’ururimi rw’ikirundi, aho nabo nyene basavye Leta ko yofata ingingo ziboneka mu bijanye n’ugukomeza ururimi rw’ikirundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ntawase akaranga kibihugu vyacu aho usanga indimi nyishi nzivangikiranya mumico yacu kavukire haba muburundi canke murwanda ariko naho aruko iterambere niryo ribituma kuko usanga hakomeje kuvuka ibintu vyishi hama bikaza atazina vyaribisanganywe mukirundi canke mukinyarwanda icogihe umuntu azoba aguze icokintu azoguma acita nkuko yakibonye kuku nikintu kitarikihasanzwe nkurugero isukari ibase ibitabu nibindi tutiriwe turadondagura namazina akoreshwa mukirundi no mukinyarwanda ariko ugasanga inkomoko yavyo atar’ikirundi vyavuye murundi rurimi <<<<<

  • Kabisa nivyiza ko ururimi rwikirundi rusubira gufata numero ya 1! bitabaye uko onye uzsanga atah tujaa! kandi birababje aho usanga abantu bose bimenyereza kwivugir Francais gus ikirundi ugasanga baracanga cane!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.