Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uko ushobora kubona ko umukobwa mugiye kwubakana ari imaraya canke ataco (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Uko ushobora kubona ko umukobwa mugiye kwubakana ari imaraya canke ataco (...)

Uko ushobora kubona ko umukobwa mugiye kwubakana ari imaraya canke ataco yokumarira

vendredi 5 Nyakanga 2014

Iyo umuhungu ari ariko arondera umukobwa bashobora kwubakana aradidanigwa n’uwo wotora maze akamubera umupfasoni, kenshi abahungu bagira ubwoba ko bosanga bariko baresha abamaraya, none umukobwa wo gutinya womwerekwa n’iki?

1) Umukobwa anywa inzoga aragora kwizera kuko ntashobora kuzisangira n’uwo bakundanye gusa. Amaze kuborerwa aroroha gusambanya. Ikindi n’uko amaze kunywa inzoga ataba akiravye abo bazisangira canke uwumusororeye, yitaba uwumuhamagaye wese, kandi azinywera aho hose bazimuhereye. Uwo ateye amakenga.

2) Umukobwa yikekwako ubumaraya y’ama arwaye zimwe mu ndwara zica mu bihimba vy’irondoka. Izo nazo kenshi ziterwa no guhuza igitsina n’abagabo batandukanye. Izo ndwara zishobora no kwandukira umuhungu bitwa ko bakundanye.

3) Umukobwa atavugisha ukuri ateye amakenga. Umuhungu bakundanye amubajije k’iyo yamye akama ashaka kubimuhisha canke akamwereka ko bidakenewe ko ahamenya. Ahandi akamubwira ko yari kumwe n’abagenzi biwe. Mura bo adashaka kuvuga harimwo abo abikira ibanga ry’ivyo bakorana( amabanga mpuzabitsina)

4) Umukobwa aguma yitaba ama telefone menshi canke akandika ubutumwa "sms" bwinshi n’abantu batandukanye kandi ata bintu akora bituma aguma kuri telefone canke yama abwira uwo bakundanye ko afise iyo agiye n’abagenzi wiwe.

5) Umukobwa w’umumaraya ushobora kumwerekwa n’ukuntu akunda amaronko, uwo akwirikira uwo abonanye ibintu, ntawe bamarana kabiri kuko murazi ko inambu y’amaronko itigera ihera. Uwo bakundanye wese bagenda bagize imibonano mpuzabitsina.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.