Accueil > Amagara y’abantu > Umugambi mushasha uzoteza imbere amagara y’abanyagihugu
 Umugambi mushasha uzoteza imbere amagara y’abanyagihugu
 Umugambi mushasha uzoteza imbere amagara y’abanyagihugu
				
				dimanche 23 Ruhuhuma 2014
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufashwe mu mugongo n’ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe za Amerika mu Burundi, batanguje icese umugambi mushasha bise "santé integrée" uzofasha kurwanya indwara nka Malaria, ikiza ruhonyanganda SIDA, hamwe no gufasha muri wa mugambi w’irondoka rijanye n’amagara meza (Santé de la reproduction)..
Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa SIDA Sabina Ntakarutimana ari kumwe n’uwusanzwe aserukira igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika mu Burundi, Dawn Liberi, baratanguje umugambi wo gufasha abanyagihugu guteza imbere amagara y’abanyagihugu biciye mu mugambi bise "santé integrée au Burundi"
 
- Dawn Liberi aserukira igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika mu Burundi (i bubamfu), ari kumwe na Sabina Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu
Ibirori vyo gutanguza icese uwo mugambi bikaba vyabereye mu ntara ya Karusi.
Kubw’umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabine Ntakarutimana, uwo mugambi uzoshimikira ahanini mu kurwanya ikiza c’indwara ya Malaria, ikiza ruhonyanganda SIDA, hamwe no gufasha muri wa mugambi w’irondoka rijanye n’amagara meza (Santé de la reproduction).
Uwo mugambi uzokorera mu ntara zine zigize igihugu c’Uburundi, arizo Muyinga, Kayanza, Kirundo na Karusi.
Floxella Karire
