Accueil > Poritike > Imigambwe > Umugambwe Parena uriteguriye kuja hamwe na Palibu
 Umugambwe Parena uriteguriye kuja hamwe na Palibu
 Umugambwe Parena uriteguriye kuja hamwe na Palibu
				
				lundi 13 Rusama 2013
Kuri uyu wa 12 Rusama 2013, umugambwe w’Imbogoraburundi Parena urongowe n’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, umukenguzamateka Yohani Batista Bagaza, wari uramutse utunganya ikoraniro ridasanzwe.
Ku rutonde rw’ivyirwa, kwari ugutegura amatora yo mu mwaka w’2015, ndetse no kumenyesha abanywanyi babo ibikorwa uyo mugambwe waranguye mu myaka itanu irangiye.
Umugabwe Parena ukaba waciye umenyesha ko mu matora yo mu mwaka w’2015, uzoja hamwe n’umugambwe Palibu, mu ntumbero yo kuyategura. Twobibutsa ko mu mwaka w’2010, umugambwe Parena wari mu migambwe yavuye mu matora atarahera ica igira urunani rwiswe ADC Ikibiri.
Floxella Karire
