IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Umugenzi : Urubuga ngurukanabumenyi rwo kuyagirako rwatangujwe (...)

Umugenzi : Urubuga ngurukanabumenyi rwo kuyagirako rwatangujwe n’umurundi

vendredi 31 Gitugutu 2014

Abantu barenga ibihumbi ijana nibo bakoresha urubuga ngurukana bumenyi UMUGENZI, nk’uko bivugwa n’uwatanguje ubwo buhinga bwa none bwo kuyagirako John Clinton Nsengiyumva.

Amenyesha ko UMUGENZI yatanguye ku wa 20 Myandagaro mu mwaka w’i 2012, ibiro bikuru vyawo bikaba biri mu gisagara ca Toronto, mu ntara ya Ontario muri Canada. Ububiko bw’ amakuru bwa UMUGENZI nabwo buri muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika (USA). John Clinton Nsengiyumva akaba yasiguriye ikinyamakuru IGIHE ko Umugenzi ari umuhora mushasha utanga uburyo bugezweho bwo gutumanako amakuru. Avuga ko ar’urubuga rwiza rwo guhurirako n’abagenzi bava mu mihingo itandukanye yo kw’ isi.

John Clinton Nsengiyumva arongoye yatanguje urubuga ngurukanabumenyi ’’UMUGENZI’'

John Clinton Nsengiyumva yamenyesheje kandi ko uwo muhora ukorera ku mbuga 3 nkuru nkuru nka www.umugenzi.com , urubuga rw’inyabwonko akaba ari kuri Umugenzi.com/desktop/messenger.dmg , ku nyabwonko za Apple ni kuri Umugenzi.com/desktop/messenger.zip ku nyabwonko za Windows. Urubuga rwa Mobile, kuri telephones za Android muri Google Play no kuri iOS (iPhone/iPad) muri iTunes, ni kurondera Application “Umugenzi” hanyuma ugaca uyimanura muri telefone ngendanwa.

Mwomenya ko uwo murundi asanzwe aba mu gihugu ca Canada, anarangurira bimwe mu bikorwa biteza imbere intara avukamwo ya Bujumbura benshi bita Bujumbura Rural, nko guha ibikoresho vy’amashure abana ba ntaho nikora, guteza imbere igisata c’inkino, eka mbere akavuga ko afise n’imigambi yo gufasha mu gisata c’amagara y’abantu abicishije mu kigo asanzwe arongoye citwa Nsengiyumva Global Development.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.