IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Umukunzi wanje yoba asigaye afise uwundi? Uburyo 18 bwo kubimenya

Umukunzi wanje yoba asigaye afise uwundi? Uburyo 18 bwo kubimenya

lundi 25 Myandagaro 2014

Abantu bamaze igihe bakundana baba basigaye bazinanye ku buryo umwe iyo yahindutse gato, uwundi namba avyitayeho ashobora guca abibona.

Ubundi umugabo n’umugore canke abakundana bamaranye igihe baba basa n’ababaye umuntu umwe, yaba ari mu buryo bufatika, yaba ari mu nyifato n’ibindi, ibi ariko bigahinduka iyo umwe muri bo atanguye kugira akageso ko guca mugenzi we inyuma canke gutangura kumwikuramwo.
Usanga umwe abesha uwundi ko bari kumwe, kandi afise ukundi abigenza.

Bimwe mu bimenyetso bishobora kukwereka ko umukunzi wawe atakigukunda nka mbere canke asigaye aguca inyuma ni ibi :

1. Namba umukunzi wawe atanguye kugira umuco wo kuguca inyuma, akenshi uzosanga muri ngendanwa yiwe yatanguye kugenda ashiramwo akanyegezwa banga (code) ku buryo ata wundi muntu ashobora gusoma ubutumwa (message) yarungikiwe canke ntihagire uwubona uwamuhamagaye. Aha rero aba asa n’uwutanguye kwikeka ko ivyo ariko arakora bizomenyekana.

2. Ikindi rero, ni ukuntu aba asigaye kenshi asa n’aho mu kwitaba ngendanwa yiwe ahantu hari abandi bantu cane cane umukunzi we bimugora. Usanga kenshi aja kwitabira hanze, mu bwogero, akamara umwanya munini cane iyo ariko yitaba ngendanwa.

3. Ashobora no kugaragaza ibimenyetso nko kuba usigaye umuhamagara kenshi ntakwitabe kandi ubizi ko ata nama canke akazi kenshi afise muri iyo minsi.

4. Atangura kandi kwuguruza izindi "emails" udasanzwe uzi (akazikunyegeza). Namba hari n’iyo wari usanzwe uzi n’akanyegezwa banga kayo (mot de passé), agerageza kugahindura kugira hatazogira ico ubona mu butumwa yarungikiwe.

5. Ahandi ushobora kurabira ni iyo nk’umwe mu bakundana usanga iyo uwundi amaze amasaha cabure nk’abiri adahamagawe kuri ngendanwa n’umukunzi wiwe bimushavuza cane. Ariko ubu ukaba usanga yomuhamagara, atomuhamagara vyose bisa n’aho ari cokimwe, ivyo navyo bikerekana ko wa mwanya yamuha ubu hari uwundi asigaye yarawuhaye ku buryo bisa n’uko ataco bimutwaye cane, yaba abonetse canke atabonetse.

6. Atangura kukwita akandi kazina k’urukundo utari usanzwe umenyereye. Hari igihe aba ariko arakwitiranya n’uwundi mukunzi wiwe.

7. Ku bantu batohoza cane, bashobora kwumva umwuka wa parfum (cane cane ku bagabo) utandukanye n’uwo usanzwe umuziko.

8. Hari n’igihe akenshi cane cane ku bantu basanzwe bakundanye usanga namba bari bamenyereye ko kibura barangura amabanga mpuzabitsina nka gatatu ku ndwi, ugasanga basigaye bamara n’indwi zibiri ataco bibwira, bakabona ko bidakenewe cane. Ivyo bishobora kukwereka ko asigaye afise uwundi barangurana amabanga y’abubatse, ko wewe atakigushuhira cane nk’uko vyahora.

9. Ikindi namba hari umwanya yahora agenera urugo, atakigukunda asa n’uwutakiwufise, akamana ibikorwa vyo ku kazi n’imisi y’akaruhuko, akakubwira ko umwanya umugora kugeza no mw’iijoro akavuga ko akiri ku kazi.

10. Amafaranga yahora yinjira mu rugo atangura kugabanuka ku buryo budasiguritse. Namba musanzwe mufise uburyo bwo guhana amakuru ku vyerekeranye n’ikoreshwa ry’amafaranga yanyu mwompi, birahagarara.

11. Usanga kandi atangura guhindura imico, ukabona asa n’aho ari umuntu mushasha atari uwo usanzwe uzi.

12. Nta hantu agishaka ko mujana, kandi ubwa mbere yaranezerezwa cane n’ukugendana nawe, agufashe ukuboko.

13. Usanga kandi atangura kugenda asa n’uwutagishishikajwe n’ivyo mu rugo. Namba mwubatse mufitaniye n’abana, ivyo kwita ku masabukuru yabo bana no kuba ari mu rugo mu munsi mukuru wabo ugasanga vyaragabanutse.

14. Abagenzi banyu mwese batangura kugenda babihisha, kuko bazi uburyo aguca inyuma ariko bakabura uko babikubwira, batinya ko bobasambuza.

15. Usanga kenshi abo bantu baca inyuma abakunzi babo badakunda na gato kwumva ibiganiro bijanye n’abagabo canke abagore baca inyuma abafasha babo, ahubwo ugasanga ariko bariko baragerageza kubaburanira cane.

16. Aha kandi usanga kenshi asigaye akunda guteba ku nyabwonko (ordinateur), cane cane wagiye kuryama, akenshi kubera ko yahanye isango n’uwundi bahava baganira, canke barungikirana ubutumwa.

17. Kenshi muri ngendanwa yiwe uzosanga abamuhamagaye, abo yahamagaye, ubutumwa yarungitse canke bamurungikiye, vyose arabihanagura ku buryo ushobora kwibaza namba iyo ngendanwa yiwe yoba imara umusi wose atawumuhamagaye canke nawe ahamagare umuntu n’umwe, canke amurungikire ubutumwa bugufi (sms) bikakuyobera.

18. Ikindi kandi ni uko akenshi usanga asa n’uwutakinezerererwa cane ko umwerekana mu bantu b’abagenzi bawe, namba umusavye ko hari aho mujana agatangura kukubaza ibibazo vyinshi bijanye n’ukumenya ahariho, abo muhahurira n’ibindi, kenshi mbere akarondera ivyitwazo kugira ntimujane.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.