Accueil > Imibano > Urukundo > Umunsi w’abakundana “Valentino Mweranda” wahimbajwe i Bujumbura
 Umunsi w’abakundana “Valentino Mweranda” wahimbajwe i Bujumbura
 Umunsi w’abakundana “Valentino Mweranda” wahimbajwe i Bujumbura
				
				jeudi 14 Ruhuhuma 2013
Nkuko bikorwa mu bindi bihugu vyo kw’isi yose,abarundi bahimbaje umusi mukuru w’abakundana bitirira Valentino Mweranda.
Isengero y’abakatorika yigisha urukundo  atari urukundo ruhagaze guhuza ibitsina.
Ni muri iyo ntumbero, yatunganije  indwi yahariwe uwo munsi,mukwereka abakirisu ingene bakwiye kuba mu rukundo nyakuri.
Ubutumwa bwatanzwe na Patiri Fupi Felix ajejwe ico gisata kuri Foyer ya Charite y’i Bujumbura.
Ubwo butumwa bwari bwerekeye imiyabaga aho bababuza kugira urukundo ruhagaze kuguhuza ibitsina gusa ngo ariko ko rwoba urukundo rw’ubugenzi kandi rufise n’intumbero nziza.
Kubafise abo bazokwubakana,babasavye kwihangana,kubamaze kwubaka nabo,kuba mu rukundo ruzokomeza umuryango.
Jean Michel Ndayikengurutse
