IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Umunyamerika yafashwe n’ikiza Ebola

Umunyamerika yafashwe n’ikiza Ebola

dimanche 15 Ntwarante 2015

Umunyamerika yafashwe n’umugera w’ikiza ca Ebola, uwo nawe akaba yanduriye mu gihugu ca Sierra Leone.

Uwo munyamerika akaba yaciye anyarukanwa kuvurirwa mu bitaro bikomeye vya Washington, nk’uko bivugwa n’ikigo kijejwe amagara y’abantu aho muri Amerika. Ivyo bitaro birwariyemwo uwo munyamerika, bikavugwa ko bifise ubuhinga buhanitse bwo kuvura mwene izo ndwara z’ibiza, ndetse ivyo bitaro bikaba bifise n’aho bashira abo barwayi, mu bwiherero bwa bonyene n’abaganga bakaruhariwe, kugira ntibanduze abandi, mw’itangazo ivyo bitaro vyashize ahabona.

Twobamenyesha ko ivyo bitaro atari irya mbere vyakira abarwayi ba Ebola, aho hari umuganga w’umunyamerika yari yanduye Ebola, uwo nawe Nina Pham akaba yari yanduye Ebola igihe yariko akurikirana Thomas Eric Duncan. Ku wa 24 Gitugutu umwaka uheze, Nina yaramenyesheje ko yakize, mu gihe Thomas Eric Duncan we yitavye Imana.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.