Accueil > Amagara y’abantu > Sabine Ntakarutimana : Ibice 77 kw’ijana vy’ibikorwa vyararanguwe
 Sabine Ntakarutimana : Ibice 77 kw’ijana vy’ibikorwa vyararanguwe
 Sabine Ntakarutimana : Ibice 77 kw’ijana vy’ibikorwa vyararanguwe
				
				lundi 3 Munyonyo 2014
Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ca SIDA avuga ko agakarata CAM kariko karakoreshwa ku rugero atari rubi mu Burundi.
Muganga Sabina Ntakarutimana amenyesha ko ibice 22 kw’ijana vy’abagore n’abana basanzwe aribo bakoresha ako gakarata, ibice 10 kw’ijana navyo vy’abakozi ba Reta bagakoresha ikarata ya mituelle y’abakozi ba Reta, co kimwe n’abikorera utwabo biyungunganya.
Umushikiranganji akavuga ko ibice 95 kw’ijana vy’abanyagihugu bo mu ntara ya Cankuzo aribo bakoresha agakarata CAM nayo igisagara ca Bujumbura, kikaba kitaritabira uwo mugambi nk’uko umupfasoni Sabina Ntakarutimana abandanya abishikiriza. Abandanya avuga ko ibice bigera kuri 77 kw’ijana vy’ibikorwa vyaranguwe muri aya mezi atatu arangiye.
Aristide Nizigire
