IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > UPRONA : Abataheruka ku Mugumya basubiye kuhinjira icese

UPRONA : Abataheruka ku Mugumya basubiye kuhinjira icese

mercredi 13 Rusama 2015

Inyuma y’aho abanyagihugu bamenyeyeko Godefroid Niyombare ariwe aramutswa igihugu, bamwe mu bari barasamburiwe imigambwe yabo igacika ubunywenywe, wamenga baronse akaryo ko kuyibohoza.

Umushingamateka Gloriose Ntawe arikumwe na bamwe mu Badasigana ba UPRONA, baciye baja ku Mugumya wa UPRONA, bahinjiye irya mbere, baririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu, basubira urw’umugambwe wabo. Abo Badasigana, bati :’’ Umugambwe wacu waribwe, uhabwa abatari Abadasigana, abashingamateka batabwa inyuma y’ingoro yabo’’.

Umunezero ukaba wari mwinshi aho mu ngoro ya UPRONA, aho bagenda baririmba bati:’’Uragowe Conciliya na Gaston mwasambuye UPRONA’’.


IGIHE

Messages

  • Yeeeh ijambo aho ryamy! Nditij yarabwiye concilia ati yemw mupfasoni raba wikebuke guko uheza guhemuka ibigori bikera concilia naw ngo tera iyo sema ubu rero ngira aca agenda agire unugambwe umw na nduwimana nayo bonaventure we ivyiwe ntanuwabibona iyo vyerekeza. Intsinzi kubahohotew bose nubutegetsi bubi

  • Yeeeh ijambo aho ryamy! Nditij yarabwiye concilia ati yemw mupfasoni raba wikebuke guko uheza guhemuka ibigori bikera concilia naw ngo tera iyo sema ubu rero ngira aca agenda agire unugambwe umw na nduwimana nayo bonaventure we ivyiwe ntanuwabibona iyo vyerekeza. Intsinzi kubahohotew bose nubutegetsi bubi

  • Concilia dukeneye kumwifatira nimwe tumwereke. Uprona itegerezwa gusubira mu minwe ya beneyo

  • Emwe, muranakumbura musubize amero mw’isaho. Umengo amazi si amagezi.
    Ariko kandi burya bagore bafise ibishobisho, aca agenda ariruka ku mugumya ubwo nyene atarindiriye ngo arabe iyo bita umutwe? Ndamusetse kabisa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.