Accueil > Ubuhinga bwa none > Urudandazwa mpuzamakungu biciye mu buhinga ngurukanabumenyi
 Urudandazwa mpuzamakungu biciye mu buhinga ngurukanabumenyi
 Urudandazwa mpuzamakungu biciye mu buhinga ngurukanabumenyi 
				
				mardi 26 Ntwarante 2013
Uburundi buriteguriye itanguzwa ry’urudandazwa rwo kw’isi yose ruca mu buhinga ngurukanabumenyi. Vyashikirijwe kuwa mbere igenekerezo rya 25 Ntwarante mu ruganda rwo kwibukanya, rwahuza abegwa n’ico kibazo mu Burundi. Urwo ruganda rwateguwe n’urunani AACE (Alliance Africaine pour le Commerce Electronique)
Urwo rudandazwa ruzofasha gutora inyishu z’ibibazo abarangurira hanze bakunda guhura navyo. Twobabwira nk’ukutaronka amakuru akwiye ku buguzi bwo hanze y’igihugu, uguteba kw’ibidandazwa mu bubiko.
Nk’uko twabimenyeshejwe na Ibrahim Eddine Nour Diagne, umuyobozi w’urunani AACE, ubwo buhinga buzokemura kandi ibibazo vy’umutekano w’ibidandazwa wongere ufashe no gukorera ku mugaragaro.
Ariko rero yashikirije ko uwo mugambi ushoboka mu gihe hoba hari uburongozi bwiza, ugufasha kwa douane, ndetse n’ugukorera hamwe kw’abo vyega bose.
Uburundi bwarakuye inzitizi zari mu gisata c’ubudandaji, aho ubu ishirahamwe rishobora gushingwa mu minsi ibiri gusa, ari navyo vyatumye «Doing Business» ibushira mu bihugu cumi vyerekanye ugushaka mu kworohereza abadandaza n’abanyamitahe. Tubishikirizwa n’umushikiranganji Victoire Ndikumana ajejwe ubudandaji mu Burundi.
Egide Nduwimana
