IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Urunani rw’imigambwe rushasha mu kwitegurira amatora yo mu mwaka (...)

Urunani rw’imigambwe rushasha mu kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015

dimanche 23 Munyonyo 2014

Imwe mu migambwe iriko iriyegeraniriza hamwe mu kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015.

Nk’uko aya makuru tuyakura muri bamwe mu barongoye imigambwe, urwo runani naho rutaratorerwa izina rwuguruwe kugira haboneke imigambwe ikomeye ishobora guhiganwa n’umugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD. Kugeza ubu bikavugwa ko imigambwe nka FRODEBU Nyakuri na FNL ishamiri rongowe na Rwasa Agathon eka n’umugambwe w’Abadasigana UPRONA ishami rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije yoba imaze gutera umukono ku masezerano yo gukorera hamwe mu matora yo mu mwaka w’2015.

Iyo migamvbwe rero bikavugwa ko iriko irategura n’amategeko azoyigenga muri ico gihe nyene c’amatora,. ndetse n’iyindi migambwe ikaba iriko iraja gusaba kwinjira muri urwo runani. Mukamenya ko umuambwe wa Rwagasore urongowe na Karori Nditije wari waramaze kubishikiriza yaba mu manama n’abanywanyi biwe canke mu biganiro ku bamenyeshamakuru, ko umugambwe arongoye witeguriye kuja hamwe n’uwo wese yumva ko umugambwe uri kubutegetsi kuva mu mwaka w’2005, CNDD FDD utosubira kubatwarana intsinzi.


Aristide Nizigire

Messages

  • TURAVY KAHISE KA FNL NA RWASA NYENE BIRATANGAJE KUMVA AGIY GUKORANA NABA PORONA.IKIBAZ KIHARI;YARABAJIJABANYWANYI BIWE?TURINDIRE

  • TURABASHIGIKIYE,MUGABO NTIMUSUBIRE KUVA MUMATORA(UMUGABO AGAYARYA)

  • Mwabagabo bintumva ,ndababwire ivyo mwigira vyose,uduhungu twanje twimbonerakure turababona tuzobereka!!!!!muhirahire mubikore ngomuriko muriyegeranya.sohomwikomesh’induru tumwe twibigoti notwo tutaraza!!!!!

  • Basha ngiyorero iyokorotse ikiri agasamo:FNL NA UPRONA!emwe nabakeba turabizi ntavyo bokorera hamwe!nyakuri yo na mitende!mbe rwasa wew wokwiyunganabatutsi?nditije nabahutu.jako turabe yamara muziruca rutarama!muriha amenyo yabatwenzi

  • Basha ngiyorero iyokorotse ikiri agasamo:FNL NA UPRONA!emwe nabakeba turabizi ntavyo bokorera hamwe!nyakuri yo na mitende!mbe rwasa wew wokwiyunganabatutsi?nditije nabahutu.jako turabe yamara muziruca rutarama!muriha amenyo yabatwenzi

  • Abanywanyiba FNL ya Agathon ngo’ mutama adutwaye kuzotora UPRONA !? Abanuwanyiba UPRONA ngo Nditije adutwaye kuzotora FNL!? Abobose bakavugango ntahovyabaye ngohubwo butevyeguca ngonitorere CNDD FDD ngocanke abandi bazobabatari mwurworunani rurimwo FML ya Rwasa na UPRONA ya Nditije.

  • Abatutsi vyababuriye none ngo mwiyunge nabo mwari mwarangaje!ewe rwasa wibagira ningoga!abahutu ga yemwe!!!ahoworondey uko wiyunga na bene wanyu ngo ukurikiye porona!mbe minani ahufise umutima!!urakina kwisumbi ari yi ngwara!mukumbuye kwangara agahimbo kanyu kangana ninzara yanyu!mbe muzokanuraryari?tinya indyarya zabaporona.

  • Iyo migambwe ntiyemewe namategeko ishira hamwe ngo izokore iki kandi itemewe?nibasarireho.Rwasa wewe niwitoze kugiti cawe wibeshe ngo uje hamwe na UPRONA uzoba uri umuhemutuzokuvuma

  • nt rwasa dukeneye sinduhije ntawundi....nt muroberi yosubir gutwar iki gihugu imana yatugabiye

  • Mutama Rwasa Komera Kumuheto Mugabo Twafashe Umuheto Tugwanya Abatutsi Ubwontitzohavadusubiray Mbe Ikibiri Mwafuyiki? Ukovyogendakwose Dushaka Udukurire Abadd Kugihugu

  • Muri politiques nta mwansi kandi nta mukunzi ahari wibihe vyose mubitahure.mbe CNDD.FDD ntaba Tutsi ubu ikorana nabo ikangaza abahutu bagoranywe imyaka n,imyaka?ntakidashoboka kahise gategura kazoza ivyo navyo vya moko mushaka guhenda abantu intumbero ntikiri iyu bwoko kuko twarabibonye ko kwarukuduhenda yar,inda murwanira.ahubwo na ADC nibaje hamwe hama ibe bye bye kuri...

  • Aba DD ejo batubwira ko umugambwe wabo ari uwabahutu n,abatutsi, none ubu ngo Rwasa akoranye n,abatutsi aba ahemukiye abahutu!!!!!!! Mu mutwe hari ikitagenda neza.

    Mwatumye Nduwimana gudusamburira umugambwe none vyamutaye kuw’amazi. Rindira le 28 novembre tubatsinde impaga imbere y,ubutungane nyabutungane (EAC). Ico mutazi: Naho twomara imyaka 20 tudafise n,umu deputé n,umwe kubera ayo macakubiri mwigisha abanyagihugu, ntizuzopfa duhemukiye Uprona. Iri mu maraso yacu. Iki nico duhuriyeko naba FNL ba Rwasa: conviction et fidelité.

    Iryo terabwoba ryanu naryo ntawe ribuza gusinzira. Muze muribuka ko igisoda kigicanze (50%) gushika ubu. Kandi bizokwama uko muvyanka muvyemera.

    Mu migambi yacu, tuzofuta igipolisi tugarukane gendarmerie. Documentation nayo tuzoyimurira muri Musee kugira abuzukuru bazoze baraja kuraba ivyaranze intwaro y,aba DDs (2005-2015), une decennie perdue.

  • mana mana waremye ijuru nisi tabara uburundi nabarundi rwasa na nditije na minani turabamenye ko atarinda zanyu gusa ntaneza yabenegihugu mugomba ngaho ntibantunganya nabikomagu na ntaryamira baragarutse abama bahayagiza rwasa ngo nincabwenge muraboye kwatanubwo kurahura afise mana weee 2010 nguwo,atataye ikibanZa ca 2 ngoyibwe abaporona bagisimbiramwo aragiye aragerageje ikiroberi bimuta kuwazi none aragarutse ngo kugira ntsindamatora nitabaje nditije heheeeeeeee mana weee mumutware kwarokanti nimwasanga bakomeye muzoba mumbarira ngo havuguwobezwe nayo uwo buteruranwe nicira ntaciranohasi

  • emwemwaragenze mwaza mwashika kwisimbo yinuma ntahovyakabaye mutama rwamasa obonyene ugiye kwiyunga nabo nibo bigize akunzibawe mukuguhenda mumatora erega nyakubahwa nibamwe baguhenda ukagwa mukaga.wihende.udutaye tuzoca tukwanka kugeza isi henutse. nta iprona turiko turatora ngonuko murikumwe. kandi nawewe nyene ntaco wotumarira urikumwe nizo ndyarya zabanyamurenge irinabo bagombakuremeka intebishushe yo mugatumba uribuka kagame ivyoyagize pasteur bizimungu

  • ICOMBONA NTACIZA TWITEZE KWIHINDAGURIKA RYABABAGABO KANDI JEMBONA KO ICOMUPFA SINTWROMBI KUKO IYISIYO NTWARO IBAYEMBI GOSE. KURUTA IYAMICOMBERO NIZINDI ZAKURIKIYE MBE URUNANI MUTAGIZE MUGUSENYURA INTWARO YABUYOYA.ABITWA ABANSI MURICOGIHE UBU BAYE ABERANDA BARAGUHENDA NYAKUBAHWA AHOBUKERA UZOBURA NAHO USABAMAZI UZOSAZIRA MUBUHUNGIRO. ABONYENE .GUMAWENYENE TURAGUSHIGIKIYE CANKE WIYUNGE NA FORODEBU NYAKURI GUSA.REKA GUHINDA . HARYA WARATAKAJE.BIZOGUTWARUMWANYA , TWEBWE HAKO WOKWIYUNGA NA IPRONA NA MSD NIYINDI.TWOTUMA TUBONA WIYUNZE NA DDD,EREGA NTAKINDI MUPFA ATARI UBUTUNZI BWIGIHUGU MUDASHAKA GUSANGIRA . NAYO MURIMWEBWE NTANUMWE IMANA YATUMYE GUCUNGURA ABARUNDI

  • Muburundi,ndabona biriko biraza!Ivyo vyerekana ko abarundi dushobora gutera imbere(evoluer),kuko nimba kare twagwana dupfa ukudafatwa kumwe kwamoko,ubu ico kikaba caravuye munzira,ubu naho hageze ko tuja hamwe(tutsi,hutu)kugira duhangane nibigezweho!Evoluons-nous,alors!

  • ONUB ntiyarikwiye gutaha kuko imidugararo iriko iradodora ngaha mu gihugu

  • ONU iriho irareba uko yashira base arrière hano i kigali kugira izashobore guhita itabara mu gihe cndd izaba itanguye gukora rya honyabwoko imaze igihe itegura. kandi ONU itaje gutabara u burundi, Inkotanyi z’amarere zizatabara abatutsi nta nkomyi.

  • Mu Burundi ntabwoba bukihari kumokoyose agise abarundi kuko dufise CNDD FDD yatanguzwe namokoyose yabarundi, ubworero CNDD FDD ibonye iyindimigambwe iriko irabamwo amokoyose twishima kuruta ivyovyimigambwe yigazamwo ubwokobumwe birimubitatunezereza.

  • Nukuri ivyoturabishima ariko ikibazo canje none mwese muri murunani ADC ikibiri kanditukabatuziko imugambwe irimuri ADC ikibiri atari iyo itanugusa muhejeje kutubwira ikibazocanje nshakakumenyako iyindimigambwe iyo iri Ko itashimye kwifatanya namwebwe kandimwirirwa muratubwirako murihamwe murunani ADC ikibiri nimbanaho mukirikumwe murunani ADC ikibiri urworundirunani ruvutse muburyo ubuhe? Ahubwo icarigikwiye nuko igihecogutanga umukandida mwebwe motubwiye umukandida mwacaguye murunani rwanyu kuko ijambo ADC ikibiri risigurako mwiyunze none ukokwiyungakandi bivuyehehe kandimusanzwe mwariyunze kera? Iconosaba nimubanzemwicarehamwe mutorere inyishu ivyobibazo birihagati yanyu kandimukubitorera inyishu ntimushire imbere inyunguzanyu arikomushire imbere inyunguzabarundi nkukomwama mwabitubwiye kandinatwetukabizera. IMANA IBAJE IMBERE.

  • Yo!!!!Iprona ngo yicange na F N L?karavaye ariko ngiranugushikuza!bacumugani m’Ukirundi bati:ibw;mugupfa irimba.nimugweargeze.

  • Ico mbona,n’uko Rwasa akunda kwama yitanganiza mu gutera umukono ku rwandiko,urazi ko mu matora aheruka yari afise ikibanza ciza!Uprona yamuziritse ku catsi,aca ayikuramwo baca bamutwara ibanzaca"2",umve ubu naho yasubiriye!Ahubwo Uprona n’ikomere,none ko bamuhenze akemera!n’uko amurusha umukenyuro,mbere Uprona yar’ikwiye kugira urunani naCNDD-FDD kugira azobahende avuge ko MSD yivye,aba DD bace bikuramwo, Porona ice itwara ikibanza ca"1" CNDD FDD,yamara abar’aho nyene sinzi!

  • Jewe nagira ngo Rwasa ari muri ADC ikibiri!none vyagenze gute?ahohoho bahaye amajwi Minani kuko niwe yemewe n’amategeko ya Nduwimana Eduarudo nayo amategeko ya l’Etat yoyo bose arabemera!

  • Komera mutama ivyanse mungumu bija mumigere

  • Ariko jewe murantangaza abarundi kweli! Ikosa rwasa yagize n’irihe mu kuja hamwe na Uprona ya Nditije,kuko abahutu bagiye hamwe na batutsi bahora ari abansi,Iyo niyo ntambwe nyakuri,kuko biribonekeza neza ko ata bwoko bukija imbere,ahubwo ikiri mbere nu gutwarira abarundi bose ata bwoko.Mbe CNDD ya Peter,ubu ko irikumwe na batutsi ba ba PORONA,ko ataco mwavuze?Mbe igihe CNDD FDD yamara abahutu bo kwa rwasa,si abahutu bicana ubwabo? Reka guhenda Rwasa,ngo agiye hamwe n’abatutsi,yarabonye ko atari ubwoko butwara,ahubwo politique nziza niyo y’ubaka igihugu,kandi Imana ikunda abarekuriranira iyo bamaze kwatura ivyaha vyabo,turabashigikiye twese mugute,bagaza intwaro ya CNDD FDD.

  • kuva nakabona rwasa yataye umutwe kandi burya ikosa ryabaye ni kubera abahutu baryanye abatutsi bakabona akanya ko kwigirira ivyo bashatse. Ikindi ni uko amasezerano yabaye en débandade abahutu ntibaje hamwe bakaza mu bunywenye. Yemwe jewe ndabona neza ko rwasa bazomukoresha nka ngeze kuko naho biomushira imbere agatsinda bomugirira akajede agaca aja i Lahaye nka William Ruto bagasigara baragitwara abo bana b’abatutsi. Wait and see

  • nonese pierre nkurunziza azongera kwitoza ubu president ?

  • @mbonerakure zandika ngaha?ewe DD murerekanye ko imigambiyanyu ariyo kumara,abatutsi ??mwuva mubabaye,ncane ko Rwasa yiyuze na nditije???ko atashaka kugumana izingo??reka ndababaze kuva 1980 niho fnl yavutse hari umututsi wuvise yampfuye ??kuva 1993 simwe mwabanigAguye??bivuga ko rwasa ntaho yigeze atarikumwe nabatutsi kuko ico yaharanira nagateka kumurundi wese niyo yari intumbero ya fnl

  • jewendabajije,kogwasaakozeikindikib.namamvuga,ababagabo.bose.ntakindibagwaniraatarinda,kuko.iyomigambwenumvise,ntayirikwiratsinda,ddddd.biryabisuma.vyamatora.arikoiyomukoranamwese,imigamweyindiyose,nahobokwivyo,mwategerezwa.kuronkitsinzi,ahonaahonyene,ntachomugiyegukiza,mwerekanyindagusa,ntabwonobashimirangomukozurundirunani,kukosongambere,yaturambiye,kandiirasubiragutwara,kuko,aborongoyimigambwe,ntabumwe.mugira,bwotumamuhinduribintu,mbegambaze,umbobumwe.mubonetse,hagati,yaiprona,bukabura,hagatiyikibiri,kirongowe,na.reonce.nubwahe.ntakamaromumaze,mutaribujehamwemwese,ukotubazi,mwerekanye,yandandende,ya,sendede,efudede,murantunge,birambabaza,kukuvanguranakwabahutu,kuku.abaddddd.baraturuhije.twarituziko,asazweari.muri.adese.ikibiri,nigikichatumye,yikuramukibiri

  • Rwasa Agathon, icatumye asigaye yankurunuka ADC nukobamugambaniye muri 2010 bakamubwirango navemumatora kandiyarifise ikibanzaciza maze akemera ivyabwirwa nabaribafise 0% murariyamatora ndabibabwiye Rwasa iyazakubandanya amatora murayamatora ya 2015 intsinzi yobaye iya FNL kandimurikazoza bozokwamye bakurakuranywa na DD na FNL nonubu nka Rwasa avuzengoyifoze na Dr. Minani akitoza Dr. Minani niweyoronka amajwimeshi gusumba Rwasa murumvarero ivyokuzosubira kubangabanganywa na DD birikurenkukwezi, ariko ivyovyose barimwo ntacobimaze icariciza nukobotangariza abarindiko Rwasa yiyunze naba Yakobo ntakibuza FNL yocigiringuvu yamanye, nayo ubwobututsi nubuhutu mugumamwumvabuvugango komera mutama Rwasa turagushigikiye baryanibamwebitwa abangushi nabashinyaguzi canke basesankuyoze ndagombakubabwirako ngaha mu Burundi Ko hazokwamaho uduhutu nudututi tuzoguma twishakira kwamadusambura ivyiyumviro vyobaka bijana kwiterambere.

  • Imbere yokugirurunani rwoguhangana na DD kugiramuzoyesure mumatora murasabwa kubikora mubanje kwubahiriza ibibikurikira: Mwebwe banyamigambwe mutavugarumwe numugambwe DD banzamukundane, vukundana bizoboneka muguhera kwiyomigambwe yamanyaguritse Yakobo yiyunge na Agato, Karori yiyunge na Kosiriya, Zediperusi yiyunge na Savenu Murwengezi, Lewosi yiyunge na Dr. Yohani kubandanya, ivyobiheze hacehakurikira kugirurunani rwoguhangana DD, murumvareroko mudahereye hariya mukwiyunga ivyomugiravyose bituma DD irushaho kugiringuvu zokuzobatsinda urukombamazi.

  • Yemwe ko nabo biciyemwo kubiri (ADC nuwo mushasha) ndakeka ko inguvu zabo zica ziba zike.

  • Perezida BAGAZA canke Domisiyano bokura uburundi mukangaratete

  • mwabihemu mwe, ntimugasubire gushuka abanyagihugu batobato ngo muriko mubaserukira kugira muzobakureko ubukene, umutekano muke bafise n’ibindi, aho birirwa barabazira abandi bicwa n’inzara n’amarwara. namwe mwibereye muvyoroshe mukavurirwa mumahanga, mukaryama heza kandi neza. Mwosigurira gt ko mwese mwirirwa muririmbango CNDD-FDD ibatwaye nabi ariko bikabananira ko muheba gushira inda imbere ngo mukize ivyo mwita ko bibangamiye abo mwipfuza gukiza kandi mushaka ivy’inda zanyu. Womwira gt ko Frodebu na Rwasa bamariwe abantu kuva 1991 gushika ubu, itokwiyunga hawme namashami yayo yose mùaze bakize ivyo birirwa bakomera induru. Nimbe mwese mugamije kutwicisha kubwakarimi. Twemeza ko mwebwe mushima ivyo CNDD-FDD iriko irakora kuko namwe mwabuze uko mwojahamwe ngo munengere hamwe ivyo bibi Kubera atavyo mubona turetses peut être des pretextes politiques. Habuze iki ngo l’opposition ivuge rumwe nimbe koko hariho ibitagenda neza? Amashirahamwe ataho yegamiye, mumaze iki aho mutohoza abodukurako ivyo mwirirwa mwita ko ari ivyago kuburundi? Barereke rero bitwarire naho mwebwe muri udusimbirahamwe: Ubutajanama bw’abavukana batatu bwbanyagishije iraro ry’inka.

  • Reka kuntwenza. Nima alliances nkazimwe BA Sendashonga,BA Twagiramungu na BA Lizinde bagirana na FPR. Abahutu wapi kabisa!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.