IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Umuco > Vyoshoka gukunda igihugu cawe, mu gihe utikunda ubwawe ?

Vyoshoka gukunda igihugu cawe, mu gihe utikunda ubwawe ?

vendredi 9 Myandagaro 2013

Umugambi uhambaye utumbereye gushika ku bintu bikomeye, werekeye abariho ubu n’abazovuka ejo kugira uwo ari we wese ntasigare inyuma mu bijanye n’ugukunda igihugu catwibarutse, Uburundi bwacu, impetso twese yaduhetse, watangujwe na Leta y’Uburundi ugiye gushirwa mu ngiro.

Mu gihe hari haraye hatangujwe uwo mugambi na Leta y’Uburundi, wo kwigisha no gukundisha abarundi gukunda igihugu cabo, Pasteur Janvier Junior Niyoyanyibutse, umuyobozi akaba n’uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ryishinze gukingira ururimi kavukire (ABCL), yarashimishijwe n’uwo mugambi wa Leta, ariko agahamagarira abarundi gukunda ubwa mbere ico bari, kuko bitoshoboka ko bokunda igihugu cabo mu gihe badakunda ubwabo akaranga kabo. Aho hari kuri uyu wa Kane wa 8 Myandagaro, mu kiganiro yari yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Impungenge ihari, nuko urutonde rw’ivyategekanijwe kwigishwa muri uwo mugambi wo gukundisha abarundi igihugu cabo, ruzohava rudakurikizwa nkuko vyategerezwa gukorwa. Kubwa Pasteur Niyoyanyibutse, mu rutonde rw’ibizokwigishwa, hari hakwiye gushirwa imbere na mbere ururimi kavukire « rw’ikirundi ». Ikindi naco, « Ikirundi n’akaranga k’umurundi ». Ikibabaje kandi gishobora no gusubiza inyuma ururimi kavukire rw’ikirundi, nuko ikirundi kibangamiwe n’izindi ndimi nk’igifaransa, igiswahili, icongereza nigishinwa, aho usanga abatari bake na cane cane urwaruka rwize ku mashure yigenga canke bavuye mu mahanga, bibagora kuvuga neza ururimi rw’ikirundi. Umuntu atagavye, ashobora kwisanga n’amajambo amwe amwe y’ikirundi atanakiyavuga.

Niyoyanyibutse, aserukira ishirahamwe ryishinze gukingira ururimi kavukire, asaba Leta y’uburundi gukingira no guteza imbere ururimi rw’igikirundi, ama kaminuza ya Leta nayo, agashira imbere icirwa c’ikirundi mu vyirwa vyofatirwako amanota menshi. Ivyo bikazofasha kutazimanganwa kw’ururimi rw’ikirundi.

Asaba kandi gukingira umuco n’akaranga vy’Uburundi kuko « igihugu kitagira umuco n’akaranga, ni nk’igiti kitagira imizi ». Kubwiwe, abategetsi b’abarundi mu gihe bariko barashikiriza amajambo, bari bakwiye kugabanya kuyatanga mu gifaransa nkuko bikunze gukorwa akatari gake, bagakurikiza itegeko rigenga gukingira umuco n’akaranga k’igihugu, gutyo, rizohezwa rinakingirwe.

Mwokwibuka ko uwo mugambi wo kwigisha no gukundisha abarundi gukunda igihugu cabo, watangujwe kuri uyu wa kabiri urangiye wa 6 Myandagaro 2013 na Leta y’Uburundi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.