IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Yeremiya Ngendakumana : Pascal Nyabenda yarihuse gufata ingingo

Yeremiya Ngendakumana : Pascal Nyabenda yarihuse gufata ingingo

mercredi 1er Ndamukiza 2015

Yeremiya Ngendakumana yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD amenyesha ko amasezerano y’i Arusha atomoye neza, atamukuru w’igihugu n’umwe ashobora kurenza ibiringo bibiri.

Umushingamateka Yeremiya Ngendakumana akaba yashikirije ivyo, inyuma y’aho bamwe mu bagumyabang bari mu nzego z’igihugu bamenyeshereje ko biyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, kuko coba kidakurikije amategeko, kandi kigashobora ndetse no gutuma amaraso aseseka mu Burundi. Yeremiya Ngendakumana akaba ndetse avuga ko umukuru w’umugambwe w’ubu Pascal Nyabenda yihuse gufata ingingo yo kwirukana bamwe mu bagumyabanga, bagaragaje aho bahagaze ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Aho, uwo mushingamateka asanzwe ari no munama nkuru y’inararibonye, avuga nk’umutekano muke urangwa kuri abo bose banse ico kiringo ca gatatu, aho bamwe batswe abasirikare n’abaporisi bahora babafise, abandi nabo birukanwa mu buzi bahoramwo. Yeremiya Ngendakumana agasaba nyabuna ko umukuru w’igihugu atofata nabi izo mpanuro yahawe n’abo bagumyabanga, kuko umukuru kizira kumutuka gusa, nayo ku muhanura atangorane, ari naho havuye n’umugani w’ikirundi : ’’Umwami yamye agirwa n’abagabo’’.

Amakuru rero atandukanye adushikira, avuga ko abo bose badashigikiye ico kiringo babwirizwa kwirukanwa mu nzego zose barimwo, yaba abashingamateka n’abakenguzamateka. Ubu hakaba hariko haronderwa abashingamateka boshobora gukura umukuru w’iyo nama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma, kugira asubirizwe n’uwokworohereza umukuru w’umugambwe Pascal Nyabenda hamwe n’umukuru w’igihugu, kwirukana abashingamateka bose banse gushigikira ico kiringo ca gatatu, hamwe na bamwe mu bashingamateka ba UPRONA nka Karori Nditije, Yves Sahinguvu, Bernard Busokoza, Ladislas Cahinyeretse n’abandi.

Imikono igera kuri 39 bikavugwa ko imaze kuboneka, muri iyo, umukono umwe woba wavuye ku mushingamateka wo mu mugambwe UPRONA.


Aristide Nizigire

Messages

  • Wewe mugenzi ivyogihanura umukuruwigihugu nivyiza ariko inzira mwabicishijemwe ntahitandukaniye niyumwana yabonye sewiwe yicayenabi ahokumwegera akamupfuka canke akamwegera akamwongorera akamubwira ati data rabawicayenabi yaciye ajakugasozi arasemerera avugango data nimuzemurabe yicayenabi! Ivyorero uwomwana ntakindi vyamuviriyemwo kiretseko sewiwe yaciyamuvuma kuvicogihe uwomwana ntiyasubiye kugirijanbo imisiyose yokubahokwiwe ekambere yarinzapfayangara, bene data mwitondere ibibintu twinjijemwo ngonivya democratie ubikoreshejenabi bishobora kuzogusigakure, ababazungu wumvababitubwira kubikoresha bobomubihuguvyabo ntanzara irimwo ibishomeri bidafise akazi ninka 17% arikotwebwe inzara irazura ivyara, ibishomeri bitagirakazi ninka 83% cankebirenga ntamuzungu azoshwana namugenziwe ngwavugengo nzogenda mwishamba gutanguza ikiroberi arikotwebwe ikiroberi, ngwamaraso azomeneka nirworuririmbo! None kodufise ubwobudasa ndababwiye tugamomeza kwihatira kumera nkaza America kubikanye na democratie mubonatudashaka kumera nkigikere ciganye izovu ku?

  • YEREMIYA BITE...!weho ntuvuge urazi ko utwara ataco wamaze.....ninaco gituma niwanyu waronse amajwi make....nawewe ugomba umenje....?Mwahaze nabi basha.Ariko muriyerekanye kweli....uribuka tukiri ibuga...ku ntamba....ukubahuka ukavuga amajambo nkayo wavuze uyu musi.....ok reka turabe ariko igihugu ntigipfakara kweli

    uragukeneye aha iwacu muramvya tubanze tukwigishe akarangamutima kuko wagataye sindakubesha.
    Ubu amaradiyo niyo musigaye mujako...ningene wewe nyen ico kintu wahora ucanka....ayo mahera nimuyarye ariko niyahera muzogaruka kweli.
    IKIBWIGWA NI ICUMVA ....ICEREKWA NI IKIBONA.

  • NDUWIMANA AHO URAHIHENDEYE; KUKO UWO YEREMIYA NIWE MUDEMOKRATE WE YASUBIJE UMUGAMBWE MUMAHORO NUMUTEKANO!!!!!!!!! WITONDE MUVYO UGOMATWA; KUKO NTIWAGIYE MWISHAMBA WENYENE KUKO ABAGIYE MWISHAMBA TURABABAYE!!!!!!!!! JEWE NZOKWEMERA KO NKURUNZIZA YABAYE NKINTARE YIBONYEKO AMARASO; NKUKO UMUMENYESHA MAKURU UMWE YABIVUZE; NINUMVA KANDI NIMBONA IVYO AKOZE KURI YEREMIYA TWESE TWUBAHA KANDI AFISE KAZOZA KEZA KOKUZOBA UMUKURU WIKIGIHUGU NGONUKO AMUTESHEJE KWITOZA!!!!!!!.NKURUNZIZA NAHAMAGAZE IKORANIRO KAMINUZA RYUMUGABWE; AHIGANWE NA RUFYIKIRI NA YEREMIYA NA ONESIME NIYABARUSHA AMAJWI AHEZE ATWARE!!!!!!!!!

  • HAHAHAHAHAHAHAAA NKURUNZIZA IYO ARIKO ATERA AJA!!!!!!!!! NKURUNZIZA ARIKO ASHAKA KWIYITA FARAWO!!!!!!!!!!! NKURUNZIZA ARIKO ASHAKA KWIYITA NEBUKADINEZA HIHIHIHIHIHIHIHIIIIIII

  • Umushingamateka Jeremie arantangaje Rwose! Kandi Rwose cane.Mbega ya Radiyo Rutomora ngingo yahora agenda yiremetse hariya mumisozi ya Congo yarayibagiye?Ivyasamirijemwo yaravyibaiye?Rutomorangingo yiyamiriza akarenganyo be n agasuzuguro kuzuye mu Barundi bamwe bamwe.
    Ehe ntu !Jeremie si umugambasi.Iyo avuka niyo yakuriye harazwi.
    - Jewe ngaya abakoze constitution ya Burundi.Bashizemwo ikigambasi
    Birazwi neza ko Ikigambasi ari indwara mbi , mbi cane yishe abarundi batari bake.kandi batari bake.Iyo article bahindahindako yakozwe nande?Yakozwe nabande?Nibo bayobeje abarundi.Ikigambasi ni kibi cane ko gihitana abatari bake.
    - Abatora, abatorwa, CENI na Cours Constitutionnelle
    Jewe Denis natoye Nkurunziza Pierre.Mumutima iwanje niyemeje kumutora ubwakabiri.Ngaho abashaka gutahura sitoma zabo ngo wapi nta nkurnziza muzosubira gutora muri 2015..Ni ibiki?Constitution irabinyemerera mugabo
    abandi bagenzi ba Jeremie ngo niet...Kubera iki undenganya?Twapfuye iki?et
    pourtant kuri Rutomora ngingo warandemesheje ko atakarenganyo kazosubira....Emwe ndumiwe
    - Nkurunziza nawe aho ari avuga ati kubera iki ndenganywa.C est mon droit de me presenter encore une fois ko constitution irabinyemerera
    - Ngo data we ngo muri 2005 ngo narabaye President...Huuuuuu emwe naramubaye nyene mais selon la constitution nsinari mfise ububasha bwose ko
    umushingamateka ou umukenguzamateka twari parallele ntaho twahurira
    kandi murazi ingene vyari vyifashe....Narataye umwanya nsinashobora kurangura imigambi ntari naramenyeshe abarundi.Knadi ni ibintu vyumvikana
    - Ceni ivuga iti twisunga constitution ntidushobora kujaganya
    - Cours Constitutionnelle iti bene gukora amategeko ajanye na candidat presidentiel bashizemwo ikigambas kibisi......Bai Peter ntaco tumubuza ni
    umurundi mubandi...
    None ga Ntuuuu! Jeremie yariye iki?Ntagasuzuguru, ntakabonero itegeko ni irya bose .Peter niyabishaka mureke ytoze.reke kurya umutima uwundi ko namwe ntimwoshima uwubarengera.Mutamushaka reke abarundi bo bene ijambo ryanyuma baze ba decide via les elections
    Jeremie yararwanye.We nyene arazi neza ko ibihe turimwo atarwano izosubira i burundi.Abaja mwibarabara nabo nta kubatinya.Ni ibinebwe vyikundira gushaza no kuboneka muri treviziyo....Abanse ko Peter Nkurunziza yitoza muti babatse gardes..Mu kigambas c est connu ko abantu nkabo baca baronka sympathie yabo babatuma ngo baje kwiyerekana mwibarabara .Ni bagumye umutima ntawubarondera.Mais ikimbabaje nuko abaharanira agateka
    ka barundi biyamiriza agasuzuguro akabonero ari bo bahagurutse bwuma mukurenganya umurundi nkabo.Mbese batinya iki?Ko mbona umuntu atora akari kumutima nibareke Peter yitoze ni droit yiwe.natatorwa niwe azomaramara nka Sendegeya.Abarundi twama turondera ingwano aho itari
    Amakungu nimba akoma induru ni suite yububeshi buri hirya no hino en resume ikigambas....Ewe kigambas ndakwanka..

  • Mutama uvuga ukuri ahubwo bandanya uhanura abo bagabo muri kumwe mumugambwe bamenye ko igihugu canke umugambwe atari itongo ryabase kandi bamenye ko bitebe bitebuke ukuri kuzotsinda ikinyoma,wirambire.

  • Wibuke’kuntamba ibuga’ayotwahaboneye ntuhendwe’kuberamahera’

  • Mbe uwo nkurunziza muvuga,akagwi kabademobirize gatoyi kihaye uburenganzira kadafise bwo kuvuga ngo karagabishije uyu nuyundi,nibo bagwaniyigihugu gusumba abandi canke igihugu n icibare cabo?Nduwimana na Denis je nobahanura kuvuga make kko ndazi neza ko ataco barushije Onesime,Tout Autre,Jeremie n abandi babitahuye kare, mugushigikira umugambwe ngushobore kugera aho warugeze ubu.Nayo uwo herodi banse kuvinyuma baravye nabi bazojana kuko biboneka ku ububisha bwabo vuba cane bugiye kuja ahabona bamaramarire imbere yabahora babubaha bibaza ngo nabafasoni naho ari ingwe zambaye uruhu rwumuntu.Rwasa navehasi tumuhe nawe turabe kandi mpamagariye abo bariko barirukanwa kumwegera abasoze yongere abajabure

  • Jewe nibutse abantu ntiriwe ndavuga amazina ingene basize ikigega bari bajejwe hageze ko basubirizwa mu mabanga barimwo, nca nsaba Imana ngo idukingire abo bantu ntibaze basubire guhura n’amabanga ahambaye yobaha ububasha bwo gutunganya ibikorwa vy’igihugu n’abanyagihugu kuko baragaragaye ko ineza yabo ariyo iza imbere gusumba ineza y’abanyagihugu n’igihugu. Mana twumvire.

  • WE SIHONDI....WEWE NTACUMAZE KWELI SINOKUBESHA

  • Turashima Kuko Mugaqagaje Ukuri. Rero Munyarukire Muri Wamugambwe Wanyu U.P.D Muwubogore Muwongerere Inguvu Zidasanzwe.Ndaziko Atawokurikira Gwasa Kuko Ari Umu Porona Mubi.

  • Turashima Kuko Mugaqagaje Ukuri. Rero Munyarukire Muri Wamugambwe Wanyu U.P.D Muwubogore Muwongerere Inguvu Zidasanzwe.Ndaziko Atawokurikira Gwasa Kuko Ari Umu Porona Mubi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.