IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 1 Rusama

1 Rusama

mercredi 2 Rusama 2018

Igenekerezo rya 1 Rusama.

Ibikurubikuru vyaranze iyi tariki

1707 : Ubwongereza bwiyonga na Ecosse maze bigira igihugu kimwe arico
caciye citwa Grande-Bretagne.

1862 : Intangu y’intambara yiswe iyo « urunani rwa batatu ». Iyo
ngwano yabaye hagati ya Argentine, Brezire na Uruguay biganya
Paraguay. Inyuma y’ukwikukira kwa Paraguay igenekerezo rya 14 Rusama
1811, ico gihugu caciye cinjira mu ntwaro z’umukazo zabagabo batatu:
José Gaspar Rodríguez, Carlos Antonio López hamwe na Francisco Solano
López. Uyu wanyuma niwe yateye iyo ndwano. Iyo ntambara yatumye
abanyagihugu b’igihugu ca Paraguay bava ku gitigiri c’1 100 000 baja
ku bihumbi 300.

1886: Muri Leta Zunzubumwe z’Amerika, abakozi bagera 350 000 bitaba
akamo baja muri yegereyegere ku kamo k’ishirahamwe ry’abakozi ryitwa
American Federation of Labor. Basaba ko umunsi w’ibikorwa womara
amasaha 8.

. Itangura ry’umurwi Dail Square FC ubu witwa Arsenal FC.

JPEG - 35.3 ko

1889: Umunsi mukuru wahariwe abakozi urashirwaho. Itarike ya 1 Rusama
yemezwako ari itarike yahariwe ubakozi.

1891: Mu Bufaransa, ahitwa Fourmies haraswa abari muri yegereyegere
aho naho hariko hariko harahimbazwa ubwa mbere umunsi mpuzamakungu
w’abakozi murico gihugu.

1904: Haba urukino rw’umupira w’amaguru rwa mbere ruhuza imigwi
nserukirabihugu y’Ubufaransa na Brezire. Urukino rwarangiye ari
ibitsindo bitatu kubindi.

1931: Hinjirwa icase igorofa yitwa Empire State Building muri Leta
Zuzubumwe z’Amerika. Ibirori vyo kuyinjira bikaba vyari vyatewe iteka
n’umukuru w’igihugu w’ico gihe Herbert Hoover.

1961: Fidel Castro ashinga ingingo yuko atamatora yo mu mwidegemvyo
azosubira kuba muri Cuba.

JPEG - 24.5 ko

1989: Hugururwa inzu yo guhinyanyura amareresi yitwa Disney-MGM Studios.

2002: Mu gihe hariko haba urukino ruhuza Real de Madrid na FC
Barcelone, umurwi wa ETA rugira igitero, iruhande y’ikibuga urwo
rukino rwariko ruberamwo haheza hakomereka abantu 17.

Mu vy’ubuhinga, imico n’amadini

1045: Papa Benedigito IX aratanga imihoho harahezwa hatorwa uwundi
yitwa Geregwari VI.

2011: Papa Benedigito XVI ashira Jean-Paul II mu murwi w’abahirwe.

Mu burunzi n’imibano

1967: Haba ubugeni bw’umuririmvyi rurangirana Elvis Presley hame na
Priscilla Beaulieu. Ubugeni bwabereye mu isagara ca Las Vegas.

2009 : Mu gihugu ca Suède, hatorwa itegeko rirekurira abagira ubugeni
basangiye ugitsina.

Ibihimbazwa

. Umunsi mukuru w’abakozi

. Umunsi mpuzamakungu wo kurwanya indwara ya Asima (asthme).

. USA : Umunsi wahariwe itegeko.

. Mu mazinga ya Marshall : Umunsi wo kwibuka ukwikuri kwayo mazinga.
Ukwo kwikukira yaronse 1979.

. Mu Buhindi : Umunsi mukuru wa Maharashtra, ahohibukwa itanguzwa rya
Leta y’Ubuhindi mu mwaka w’1960.

. Kazakhstan : Umunsi w’ubumwe bw’abenegihugu.

. Repubrika ya Tchèque : Umunsi mukuru w’urukundo.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.