IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 13 Ruhenshi

13 Ruhenshi

mercredi 13 Ruheshi 2018

Igenekerezo rya 13 Ruhenshi .

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

313: Haba iciswe “edit de Milan”, cari icete giha abantu bose uburenganzira bwo kugira ukwemera bashatse. Aho akaba ari mu bijanye no gusanga.
1494: Christophe Colomb atora izinga rishasha ryitwa Jeunesse (bisigura « ubuto »).
1625: Ubugeni bwa Henriette Marie de France n’umwami w’Ubwongereza Charles wa 1.
1982: Fahd Ben Abdel Aziz Al-Saoud aba umuwami wa Arabie Saoudite.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1940: Bobby Freeman, umwanditsi w’umuziki akaba n’umuririmvyi w’umunyamerika.
1944: Ban Ki-moon, umunyamabanga mukuru wa ONU.

Ban Ki-moon ni umunyapolitike yavukiye muri Koreya y’Ubumanuko ahitwa Eumseong. Niwe mu nyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU w’ubu. Y asubirira Kofi Annan kw’igenekerezo rya 1 Nzero 2007. Kw’igenekerezo rya 21 Ruhenshi 2011 niho yatongwa ngo abandanye arongora umuryango wa ONU gushika igenekerezo rya 31 Kigarama 2016. Yarabaye umushikiraganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu mu gihugu ciwe c’amavukiro ca Koreya y’Ubumanuko. Akaba yaronse amabanga yo guserukira igihugu ciwe i New Delhi mu Buhindi akirangiza amashure yiwe ya kaminuza.

1949: Thierry Sabine, umwe mubatanguje ihiganwa ryo kwirukwa n’imiduga hamwe n’amapikipiki ryitwa rally Paris-Dakar.
1958: Fernando Marias, umwanditsi wo muri Espanye.
1980: Florent Malouda, umukinyi w’umupira w’amaguru w’umufaransa.
1982: Kenenisa Bekele, umunonotsi wo muri Ethiopiya.

1986: Keisuke Honda, umukinyi w’umupira w’amaguru w’ubuyapani.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

- 323: Alexandre le Grand, umwami w’i Macédoine.
1982: Khaled Ben Abdelaziz Al Saoud, umwami wa Arabie Saoudite.
2010: Jimmy Dean, umwanditsi w’umuziki, acuraranga akaririmba w’umunyamerika.

Ibihimbazwa

Argentine: Umunsi wahariwe w’umwanditsi.


Luc-Noel INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.