IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 16 Ndamukiza

16 Ndamukiza

lundi 16 Ndamukiza 2018

Igenekerezo rya 16 Ndamukiza ni umusi wa 106 mu misi y’umwaka, hasigaye iminsi igera kuri 260 kugira ngo umwaka usozerwe.

Bimwe mu vyaranze iyi tariki

Mu bushakashatsi:

1955: ivuka ry’ijambo "ordinateur". Uwaritanguje nawe ni umunyamerika Jacques Perret abisabwe n’ihinguriro I.B.M

1972: ikigendajuru Apollo 16 kirarungikwa mukirere kivuye ahitwa Cap Kennedy.inyuma y’iminsi 4 kiraheza kirarurukira ku kwezi.

Mu vy’ubutunzi n’imibano:

1921: amavuta y’inka yitwa "La Vache qui rit" yarahinguwe ubwa mbere n’uwitwa Léon Bel.

2007: Ububisha bwo kwica hakoreshejwe inkoho buhitana abantu 33 muri kaminuza y’i Virijiniya muri Leta Zunzubumwe z’Amerika. Bwabaye ubwambere buhitanye abantu benshi kuva ico gihugu cakabaho.

Abavutse ayi genekerezo bwazwi cane:

1927: Papa Benedigito wa 16, Papa agira aw’265.
1947: Umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaboko wa basket ball, Kareem Abdul-Jabbar
1973: Akon, umuririmvyi rurangiranwa w’umunyamerika yamuka muri Senegare.

Uwitavyimana kuriri genekerezo azwi cane n’ubu:

1859: Alexis de Tocqueville, umufaransa w’umutekamutwe mu vya politike yize nivya kahise(yavutse itarike 29 Mukakaro 1805).

Ibihimbazwa kuriri genekerezo:

• Umunsi mpuzamakungu w’ijwi
• Algeriya: Umunsi w’ubushakashatsi aho bibuka umu imam yitwa Albelhamid Ben Badis.

GIF - 62.4 ko
Imam Albelhamid Ben Badis

• Danemark: Umunsi mukuru w’igihugu aho bibuka ivuka ry’umwamikazi wa Danemark.

Amatazirano y’uyu munsi:

Yozefu
Berenadeta
Duruwoni
Padem


Ingabire Luc Noel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.